Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Sino African trading and investment initiatives Co Limited yoba itabaho mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Sino African trading and investment initiatives Co Limited yoba itabaho mu (...)

Sino African trading and investment initiatives Co Limited yoba itabaho mu Bushinwa

vendredi 27 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Ikibazo c’ahahoze hakorera isoko nkuru ya Bujumbura kigiye gushirwa muri rwa rugamba rwo kwiyamiriza ubuzima buzimvye, nk’uko bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME.

JPEG - 83.4 ko
Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME

Ivyo Gabriel Rufyiri akaba abishikirije, inyuma yaho inama nshikiranganji yemeje kuri uno wa kane integuro y’itegeko iha ico kibanza ishirahamwe ry’abashinwa ryitwa Sino African trading and investment initiatives co limited kuhakorera mu kiringo c’imyaka 50.

Muri OLUCOME( Observatoire de lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques ) bavuga ko baraye baguye mu gahundwe inyuma yaho bumviye ko inama nshikiranganji yemeje itegeko ryegurira ikibanza cahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, mu kiringo c’imyaka mirongo itanu ishobora kwiyongera, kuri sosiyeti y’abashinwa’’ Sino African trading and investment initiatives co limited’’.

Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME ati :’’ Turavye ivyo Reta iriko irakora muri ino minsi iriko ikora nkaho umenga Uburundi butazosubira kubaho’’. Gabriel Rufyiri avuga ko amakuru yose babonye agaragaza neza ko iryo shirahamwe Sino African Trading and Investment Initiatives co limited’’ ritabaho mu gihugu c’Ubushinwa ahubwo ko ryashinzwe mu kwezi kwa Nyakanga mu ntumbero y’ico kibazo nyene.

Muri OLUCOME bibutsa n’ayandi madosiye yagiye agaragaramwo amahinyu ugasanga bavuga ko ari abanyamitahe bazanye imitahe yabo kandi ari amashirahamwe usanga atanabaho. Aha akibutsa idosiye ijanye n’ikivuko ca Bujumbura, ikibanza c’mahegitari 48,5 kigiye guhabwa ishirahamwe ry’abantu batanu biboneka ko rigizwe n’umuryango umwe, mbere rigaragaramwo amahinyu atari make, kw’ibarabara rya Bubanza n’ayandi. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME avuga ko bagiye gukomeza urugamba rwo kuvyiyamiriza , mbere avuga ko bagiye kugishira muri rwa rugamba rw’ubuzima buzimvye.

Ku ruhande rw’abadandaza naho, umukuru wa sendika y’abadandaza SYGECO avuga ko bagiye gukora amanama barabe ico bagiye gukora. Basaba umukuru ’igihugu kwumva akamo k’abadandaza kuko bakeneye ko basubizwa agateka kabo. Ikindi bagiye gukora ni gusUbira mu buserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa kubaza ko boba baratoye iryo shirahamwe ko ryoba ribaho.

Tubibutse ko kuri uyu wa 26 Ruhuhuma, abarongoye ayo mashirahamwe abiri SYGECO na OLUCOME bari bahawe umubonano mu buserukizi bw’igihugu c’ubushinwa hano mu Burundi, bakaba babamenyeshejwe ko iryo shirahamwe ataryo bazi gushika ino saha.


Floxella Karire

Messages

  • Nkurunziza Petero ni yampene bubakiye inzu nziza maze ikayibomorerako,nagira ngo bari kuhubaka maze abadandaji bakongera kuhakorera! none bahaturiye bamaze nokuronka abashinwa bazohakorera,ntimubona ko ivyakavuzwe ko isoko ryaturiwe na Leta y’u Burundi kobibaye vyo.Ni akamaramaza ndetse nagahoma munwa kumvako ahahora isoko nkuru ya Bujumbura heguriwe abanyamahanga mukiringo c’i imyaka 50.Petero Nkurunziza atandukaniye hehe nababanyonyezi?Amayayi yose aribwa na ba Chefs.

  • Mbega ibitangaza kunva igihugu kiriko kiragurishwaibice bice umenga. Ntabagabo bakiri muburundi iwacu ariko rero niryo shirahamwe ntirizohakorera ndakurahiyebaragura baziko ari aba DD baZogumahogushika iyomyaka ihere nahandi baribesha

  • ahubgo ni batubarize naya dossier ya falcon 50

  • Ahubwo mwebwe abarundi mwaraguzwe murarabe neza

  • Ntago bahagurishije ni ukuhacodesha imyaka 50 gusa kandi bifitiye igihugu akamaro.

  • Igwhugu C’uburundi Batanguy Kukirya Haaaa! Bagomba Kugenda Bagisiz Muminw Y’abanyamahanga. Nibarab Bikubit Agashi Nahandi Abarundi Tugiy Kwica Nakigoyi

  • Yaba ndi muBurundi nogiye kurugamba nkapfa nkincungu ngwanira gukurako abo bigira Abakomeye na Falao yara pfuye. abo iminsi yabo iraharuye Ibibera Burundi birambabajegooooose

  • ariko ntawokekeranya ko isoko yaturiwe nabo bariko barahagurisha bararavye babona ntibosohora abadandaza nibidandazwa vyabo baca babiha umuriro kugira biyomore mugabo Imana izobavuma amarira yirya soko ntazokwijana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.