IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Muyinga : Abadandaza bateye amabuye abakozi ba OBR

Muyinga : Abadandaza bateye amabuye abakozi ba OBR

mercredi 21 Nzero 2015

Mu mezi atatu gusa, abakozi b’ishirahamwe rya OBR bamaze guterwa amabuye n’abanyagihugu bo mu ntara ya Muyinga gatatu kose.

Kuri uyu wa kabiri, abanyagihugu mu gisagara ca Muyinga bakaba bateye amabuye umuduga w’ikigo OBR aho banawumenye ikiyo c’imbere. Intandaro ya vyose rero, uwo muduga ukaba wari ukurikiye umuduga uri mu bwoko bw’iyo bita kagongo, yari ivuye i Murama ku rubibe iyo ntara ihana n’igihugu ca Tanzaniya, abakozi ba OBR baca barayikurikira kugira bayifate, abanyagihugu bayibonye bayakira n’amabuye menshi.

Eka mbere, ivyo bikaba vyashitse mu gihe hari n’umuduga w’ico kigo ca OBR wagize isanganya kuri uyu w’Imana uheze, ukaba waraguye amapine yawo aja mu kirere, mu gihe wariko usiganwa n’umuduga wari wikoreye ibidandazwa bivugwa ko vyari vya magendo. Abadandaza bo muri iyo ntara ya Muyinga bagiriza abakozi ba OBR ko babatoza amakori atanditse, kandi bakagirizwa ko barya ibiturire.

Buramatari w’intara ya Muyinga Aline Manirabarusha akaba asaba abakozi b’ikigo OBR gukorana neza n’abanyagihugu bo muri iyo ntara, co kimwe no kuza baritwaza abajejwe umutekano bagiye gusaka, kuko vyagaragaye ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 20, abakozi ba OBR batabawe n’abaporisi barashe hejuru, naho vyaboneka ko abanyagihugu basa n’abariye amavubi.

Mukamenya ko hari utuyira canke udusoko duhuza ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya dusa n’utwananiranye gusuzumwa n’ico kigo. Aha tugatanga akarorero k’utubarabara twinjira mu gihugu ca Tanzaniya tuvuye muri zone ya Rugari, hamwe n’isoko ya Bambo ihuza komine ya Giteranyi intara ya Muyinga na Mugoma, ku ruhande rw’intara ya Kagera mu gihugu ca Tanzaniya. Iyo soko iri neza ku rubibe, abakorera OBR bikabagora uko borihisha amatagisi abadandaza kuko babakomye na gato, baba basimbiye i Tanzaniya.

Photo : ISANGANIRO

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.