Accueil > Ubutunzi > Muyinga:Urugendo rw’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ahava (...)
Muyinga:Urugendo rw’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ahava Ubutare
samedi 15 Kigarama 2012
Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gervais Rufyiri, yaragendeye mu ntara ya Muyinga aho ishirahamwe ryo muri Canada FLEMISH ryima ubutare n’inzahabu. Ngo yasha kuraba uko ibikorwa biriko biragenda.
Gervais Rufyikiri yasavye abanyagihugu bo mu ntara za Muyinga, Kirundo na Ngozi ko bokorohereza iyo sosiyete FLEMISH gucukura ubutare n’inzahabu. Ivyo ngo bizofasha guteza imbere izo ntara mu bice nka vyose vy’ubuzima bw’igihugu haba mu butunzi, imibano n’ibindi.
Gervais Rufyikiri yahamagariye sosiyete FLEMISH gushira imbere ineza y’abanyagihugu mu kubaha akazi no kubakorera ibikorwa vy’iterambere.Yibukije ko hamwe FLEMISH yokora neza bizobonekera ingene abanyagihugu babayeho n’ingene babanye neza.
Kubera urwo rugendo, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yaboneyeho akaryo ko kwirabira aho gucukura inzahabu bigeze. Haracasigaye imyaka irenga 3 kugira u Burundi butangure kubona akarusho kavuye ku nzahabu zicukuwe na FLEMISH kuko riracagerageza n’ubuhinga bwaryo. Yavuze ko n’abandi bagwizatunga mvamakungu bahawe ikaze.
Pierre Claver Niyonkuru