IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Ni gute twokoresha terefone ngendanwa

Ni gute twokoresha terefone ngendanwa

vendredi 17 Rusama 2013

1.Kutakira ubutumwa muri terefone yawe, ubitewe n’umwanya muto ufise

Hari aho umuntu yipfuza kuzimya terefone yiwe mu gihe afise akazi kenshi canke mu gihe ashaka kuruhuka, ariko rero imbere y’uko uyizimya, banza urabe neza ko atagahunda uhava wica canke ko ataho woba warasavye nk’akazi ngo bahave baguterefona bakubure, ari nko gukora ikibazo canke gutanga ibikuranga. Gerageza hako uyizimya, upfume uyishiramwo akajwi gatoya hako yoguhomvya itanguriro ry’ubuzima.

2.Kumara akanya kanini utaritaba terefone yawe iriko irahamagara

Hari aho baguhamagara kuri terefone yawe hanyuma ugasanga uramaze akanya kanini uyibona ko iriko irahamagara ariko ugateba kwitaba, muri uyo mwanya ntuba uzi neza ico bariko barakuronderera, iyo uwaguhamagaye aciye aheba kukurondera, urahomba ikintu kinini kukutamenya.

3.Kutamenya kuyaga kw’iterefone

Kuyaga kw’iterefone n’ibintu bisaba ubwa mbere kumenya gukoresha urupfasoni, ukumenya uko witaba umuntu, ukamenya gupima urugero rw’ijwi wokoresha na cane cane ko umuntu ategerezwa kumenya uko asaba imbazi iyo adafise umwanya wo kumuha akanya kugira babandanye ikiyago.

4. kutamenya kwitegurira kwitaba

Iyo witavye umuntu, kirazira kurandamuka nk’aho umenga ntiwari hafi, kandi ijwi rito niryo rinezera uwuriko arakwumviriza. Iyo bishitse ukitaba terefone yawe unyaruka cane canke utari wavyiteguriye, birashika yaho usanga umuntu witavye udashotse umenya uwariwe, gerageza mu mwanya wa mbere umuhe urupfasoni rumwe uha umuntu wubaha kuruta abandi, mu nyuma umwumvirize uwariwe mw’ijwi, utamutooye umubaze uko yitwa ariko ukoresheje n’aho nyene urupfasoni.

5. Kuvugana ubwoba

Kirazira kikaziririzwa kwereka uwo muriko murayaga ko ufise ubwoba mu mvugo. Koresha ahubwo imvugo yoroshe, kuko iyo ufise ubwoba mu mvugo, bituma udidinganya muvyo muriko murayaga canke mu bibazo uhava ubazwa, uwo muriko murayaga agaca abona ko ivyo uvuga utabizi, canke ko uriko umuyagisha utamushaka, canke ko ari imvugo y’akagaye bigahava ndetse bibateranya.

6.Guheza ikiyago uciriye umuriro.

Mu kiyago co kw’iterefone si vyiza namba ko wokwerekana ahagera ishavu ryawe, canke kuvugana ibishobisho vyinshi. Koresha imvugo n’amajambo ubanje gupima, gerageza ntushwane kuko inyuma y’aho ubuhinga butereye imbere muvyo guhana amakuru, ico uyaze cose uwo muriko murayaga ashobora kukibika amajwi, umunsi ishavu ryaheze w’umvise ivyo wavuze ukamaramara.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.