Accueil > Ubutunzi > OLUCOME iriyamiriza iyibwa ry’amafaranga mu bushikiranganji bw’inkino
OLUCOME iriyamiriza iyibwa ry’amafaranga mu bushikiranganji bw’inkino
samedi 30 Rusama 2015
Ishirahamwe ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abanyonora amatungo ya Reta OLUCOME rimenyesha ko hari imiriyoni zigera kuri 70 ziheruka kwibirwa mu bushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico kama.
Gaburiyeri Rufyiri arongoye OLUCOME akavuga ko ayo mafaranga angana n’imiriyoni 70, yibiwe mu bushikiranganji burongowe na Rukenkanya Adolphe, haterurwa agasandugu yarimwo. Avuga ko amafaranga angana uko, adashobora kubikwa mu biro vy’umushikiranganji, ahubwo umukuru wa OLUCOME akabona ko iyibwa ry’ayo mafaranga, bwari ubusuma buteguwe, mu gihe hari abajejwe ububiko bw’amafaranga nk’ayo.
Ishirahamwe OLUCOME rigasaba Reta gufasha mu kugarukana ayo mafaranga akaja aho yari agenewe gushirwa, n’uguhagarika uburyo nk’ubwo bw’ubusuma butegurwa na bamwe mu bategetsi muri ibi bihe vy’amatora.
IGIHE
Messages
30 Rusama 2015, 14:48, par Bucumi
Mutama ubusuma bazananye kuva bafata ako gahugu nibwinshi reta yo yonyene iravidura hama utake ngo ubusuma? Ntagukomorwa n’isato hama witware kunzoka rero bose nibamwe!!!!!!!!
30 Rusama 2015, 16:15, par izigame
Etat voyou,voleur,tueur, il se montre qu’ils sont en train de s,empocher pour leur depart."kwitekerera" canke gutekerera uwabahaye nawe si uwundi ni peter. Nibageze aho tot ou tard. bazobibazwa abarudi ntibazemera kubandanya bariha amakori ataco abamarira bazoyishuza imbere yokubandanya bariha ababasahuy bose nico kimwe nababica bazobihanirwa.ikubite agashi leta umenye ko ayo wivye wayivye mwenewanyu yayabiriy akuya ngo igihugu gitunganywe,kuko urazi ko hanze atakivayo ni just akagozi ka OBR,!
30 Rusama 2015, 18:52, par ASMAN
BUCA NAMWE MUFATWA KUBANTU MWAKORESHE NTIMUBAHEMBE.DUSAVY POLICE IJEJWE KUGWA IBITURI KUBARENGUTSA
31 Rusama 2015, 05:54, par Mugisha
Abo bajama nabo baraheba bakimaramaza!!nkumushikiranganji muzima,akiba udufaranga nk’utwo?erega 70millions kumushikiranganji,ninka 7mille kuri twebwe ba nyarucari.ndabona muri twebwe rero atawokwiba ibihumbi indwi.bareke gusa mutubikire ivyemezo igihe kizogera baturihe udufaranga twacu tubirira akuya.kandi n’inyungu izoba iriko.
31 Rusama 2015, 09:32, par xxxxxx
ewe mwenewacu birumvikana ko hoba habaye ibitagenda neza, birashika muntwaro zose kuko ntabwo turi mwiparadizo. ariko ubu aho bigeze harageze aho ukoresha ubwenge kuko abo batutsi bari inyuma yawe nabagushuka gusa, urambwira umuhutu 1 gusa yakoranye nabatutsi akagira amahirwe uretse kwicwa agize Imana agaturatuzwa agahunga na bugingo ubu ntamahoro bafita aho bari hose
31 Rusama 2015, 09:36, par bjh
wigira uwize ngo umenyekane gusa uri IGIPFA MUTIMA C’UMUHUTU. Kandi bizokugaruka urabaza NGEZE fracois canke Twagira
mungu
1er Ruheshi 2015, 19:58, par nizigiyimana richard
amatohoza nakorwe na canecane uwo mushikiranganji yubahuka kubika amafaranga angana gutyo mubiro kandi ibanki nkuru yigihugu arivyo ijejwe. emwe arimaramaje kweri ahubwo umuntu yohava yibaza ko atoba yarazi ko ubutegetsi bugira buhirikwe kugira ngo ayatembane. nukumuraba neza ntihagire uwo abeshea be na comptable
1er Ruheshi 2015, 20:33, par umucafu
lbirateye isoni n agahinda ibiba mu burundi umengo ni muri 1950 turi muri 2015 ubusuma, ubwicanyi , amacakubiri, ibidugavyashaje, umwanda, ubucafu, nta ntamajambere,wabona, ibintu pirate demode, syteme za kera,amasoko ashaje , amoko,ngaho, ubukene, ubwicanyi kumpande zose ibintu abandi usanga barasezereye nibyo biba iburundi, burundi bwacu tugukoze iki birababaje 2015
2 Ruheshi 2015, 04:30, par Gezaho
Umuhutu canke umututsi yivye yitwa umusuma kiretse nimba ubwenge bwarahindukiye. Erega izo noti zari izacu twese abahutu n’abatutsi.uwu vyonezera nu igipfu.
3 Ruheshi 2015, 09:21, par Nduwa Renovat
Nagomba nishure uwu yiyita umucafu! basha ni mucafu koko kandi Gamucafu Urikijuju pe!! erega ntaho utaniy na RUFYIRI gwazigiye, na Pacifique Nininahazwe, na Faustin nabandi Bibirofa Nkabo Batigera babona Ko Kuva 2005 gushika 2015 Atakirahinduka. Raba Amavuriro mashasha Amashure mashasha Amabarabara Mashasha Amazu Mashasha Carama nshasha Gaskebuye Nshasha Igisirikare Gishasha Igipolisi Gishasha Abana barimunsi yimyaka5 bavugwa Kubuntu Abakenyezi Bibungenze Bibaruka Bavugwa Kubuntu Abanyeshure Bigakubuntu, Ndakwinginze Umbwire Uwundi Mukuru Wigihugu Yaribwakore Nkivyo Peter Nkurunziza Akora, Imyimbati Amavoka Imicungwe nibindi....Haa Emwe Peter Natware Gushika Yisaziye!
23 Mukakaro 2015, 20:58, par Meddy
Imisi Yigisuma Ni Mirongo Inegusa!