Accueil > Ubutunzi > OLUCOME na SYGECO bishikiye mu buserukizi bw’ubushinwa gushikiriza amakenga (...)
OLUCOME na SYGECO bishikiye mu buserukizi bw’ubushinwa gushikiriza amakenga bafise
vendredi 27 Ruhuhuma 2015, par
Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME hamwe n’uwa sendika y’abadandaza SYGECO bahawe umubonano mu buserukizi bw’Ubushinwa mu Burundi, bakaba bari bagiye gushikiriza amakenga bafise ku madosiye atatu avugwamwo igihugu c’Ubushinwa.
- Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME
Nk’uko bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME, intumbero y’uwo mubonano kukaba kwari ugushikiriza amakenga bafise ku vyerekeye amadosiye atatu harimwo iyerekeye inyubako z’ikirimba c’umukuru w’igihugu hamwe n’idosiye ijanye na ca kibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura kigomba guhabwa sosiyete y’abashinwa.
Inyuma y’umubonano Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko ubuserukizi bw’Ubushinwa bwemeye gukurikirana ico kibazo, barabe ko ayo makenga afise ishingiro canke ataryo afise, bakaba bumvikanye rero ko bazosubira kubonana vuba baze barahanahana ivyiyumviro ku vyerekeye ayo madosiye.
Mw’ishirahamwe OLUCOME bakavuga ko bizeye ko ubuserukizi bw’Uburundi mu Burundi butazemera ibintu bidaciye mu mategeko. Tubibutse ko ikibanza c’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura coba kigomba gihabwe isosiyete y’abashinwa kuzohakorera imyaka mirongo itanu yose ishobora kwiyongera, abatari bake na cane cane abadandaza bahora bakorera muri iyo soko bakaba barahira bakarengwa ko badashobora kuvyemera.
Floxella Karire
Messages
27 Ruhuhuma 2015, 11:03, par YOHANI
27 Ruhuhuma 2015, 16:44, par Nuwera
Abobagabo babwiwe nubuseeukizi Ko ivyobakorera ngaha muburundi babikora kubwibyunguzabo nizabarundi atirero nokubaturingaha Burundi ngonuko mwavyemeye ngonkubumwovugango nimutuvure mugihugu twovamwo, atirero komwebwe abarindi arimwebwe mubonako tutokwagura ibikorwavyacu mugihugucanyu ntiduahobora gukora ivyomudashaka ngoturaje dukomeze turonderere mubindibihugu ahodushobora gushira ivyobikorwa twashaka gushira ngahamu Burundi. Abagabo baciye bataha banezerewe ngokibumvise Ko abashinwa batazokorera mwicokibanza!.
1er Ntwarante 2015, 05:53, par intare
Mucunge neza iyo leta ifise programe yo gutemba itembaganye ubutunzi bwacu,nibatange amatongo ya base na banyina