IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > PARCEM : Ni akamaramaza kubona ahavuye indege izorerura umukuru w’igihugu (...)

PARCEM : Ni akamaramaza kubona ahavuye indege izorerura umukuru w’igihugu hagumizwa mw’ibanga

samedi 25 Gitugutu 2014

Ni akamaramaza kubona umuvugizi w’umukuru w’igihugu adashobora gutanga umuco ku vyerekeye indege izorerura umukuru w’igihugu kandi yaguzwe mu mafranga ya Reta nk’ukobivugwa na Faustin Ndikumana arongoye PARCEM.

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru ,co kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 25 Gitugutu Faustin Ndikumana avuga ko ababazwa cane n’ ivyashikirijwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu Léonidas Hatungimana ku vyerekeye igurwa ry’iyo ndege izorerura umukuru w’igihugu ko ivyayo bizomenyekana niho iyo ndege yashika. Avuga ko amafaranga Reta ikoresha yategerezwa kuba azwi kuko mu vyerekeye amategeko ajanye n’amafranga Reta ikoresha ajahamwe n’ahazova n’abazoyatanga biba bizwi. Faustin Ndikumana abandanya avuga ko ari akamaramaza kubona batashobora gutanga umuco kandi yaguzwe mu mafaranga ya Reta , ivyo rero vyerekana ko harimwo ibinyegezwa bitari bike mw’igurwa ry’iyo ndege.

Ku cerekeye naho ko iryo soko ryatanzwe mw’ibanga , faustin Ndikumana avuga ko indege civile itari ikwiye kuja mw’ibanga kuko aba ari nk’igikoresho gisanzwe cose ariko n’uko babanza kuvyerekana aho ayo mafaranga yavuye mu mafranga Reta ikoresha, ku bwiwe ntivyaribikwiye kuba mw’ibanga kuko amafaranga ari ay’igihugu amategeko akaba yanditse.

Faustin Ndikumana ahamagarira abanyagihugu gukurikiranira hafi ivyo iyo ndege hanyuma bakavyiyamiriza. Tubibutse ko habaye ukuvuguruzanya mu vyerekeye ahavuye iyo ndege hagati y’umuvugzi wa Reta hamwe n’umuvugizi w’umukuru w’igihugu, amashirahamwe batari bake na cane cane amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike akaba asaba umuco ku vyerekeye ahavuye iyo ndege.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.