IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Samsung yatwaye ikibanza cambere muri smartphone mu 2013

Samsung yatwaye ikibanza cambere muri smartphone mu 2013

jeudi 28 Ruhuhuma 2013

Galaxy S3 yo mubwoko bwa samsung yatahukanye ikibanza cambere mu ma Smartphone yo mu mwaka w’2013. Iyo terefone ikaba yatowe mw’ihiganwa ryatunganijwe bise « Global Mobile Awards».

Telefone Galaxy S3 yakuye mu kibanza ca mbere Apple kuva kw’igenekerezo rya 26 Ruhuhuma kuko ariho vyatangajwe ko yatahukanye ikibanza cambere, iryo higanwa ryo kuraba iterefone yambere mu 2013 rikaba ryatunganijwe mu ntumbero yo kuraba aho ubuhinga bw’ama terefone ngendanwa bugeze kw’isi, rikaba ryitezwe n’abantu isinzi.

JPEG - 25 ko

Muri iryo higanwa ririko ribera Barcelone mu gihugu ca Espagne muri ino ndwi nyene, Samsung Galaxy S3 yatowe nka terefone nziza ikoresha ubuhinga bwa none ku rugero ruhanitse, yakozwe neza kandi ikomeye , kandi ikwije ibisabwa vyose nka terefone igezweho.

Samsung rero imaze gutahukana ubushimwe 5 kuva itanguye amahiganwa k’ayo, ariko rimwe na rimwe barayagiriza ko isubiramwo iziba zatowe n’ayandi mahinguririro


Marie Claire Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.