IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Ubu birabaho gutwara umuduga ukoresheje “Tablette”

Ubu birabaho gutwara umuduga ukoresheje “Tablette”

jeudi 20 Ruheshi 2013

Ntibikiri nk’indoto, bigiye gushoboka gutwara umuduga hakoreshejwe Tablette. Umurwi w’abahinga ba Valeo baheruka kubigerageza maze barerekana ko bishoboka koko.

Iterambere ry’ubuhinga bwa none rirahaye rirabeshaho ivyo abantu twibaza ko ari indoto. Umurwi w’abahinga ba Valeo baheruka gukora umwimenyerezo wo gutwara umuduga hakoreshejwe Tablette. Uwo muduga ukaba wari wafatanijwe niyo tablette( iPad) hakoreshejwe ubuhinga bwa Wifi. Ivyo bikaba vyashobotse kubwicitwa “application” gishasha bakoze maze bagishira muriyo Tablette.

Abamenyeshamakuru b’ikimenyeshamakuru co mu Bufaransa “Le Figaro” bakaba baravyemeje inyuma yuko bakoze uwo mw’imenyerezo. Bati , iyo tablette isubirira icitwa Volant (igituma umuduga uhindura iyo uriko uraja), accélerateur (igiha umuvuduko umuduga) na frein(fire).

Umumenyeshamakuru yagize ibakwe ryo gutwara umuduga akoresheje ubwo buryo yagize ati: “ Kugira utangure gutwara utegerezwa,imbere ya vyose, guhagarika neza iyo tablette ugaca uguma ufyonze bouton aho ni kugira ubwo buryo bugume bufatanye n’umuduga. Kuko ukuyeko urutoke uba uciye ubumwe hagati y’ubwo buhinga n’umuduga. (…) Hama ugomba gukata uhengamika iyo tablette. Uhengamitse ica kane ca tablette bingana nuko wohindukiza incuro zibiri n’igice kuri “volant” isanzwe.

Uwo murwi w’abahinga wazanye ubwo buhinga uvugako utazoshira kw’isoko ubwo buhinga. Igituma ngo nuko ubwo buryo bwo gutwara hakoreshejwe tablette bakiriko barabugerageza bongera babwungurako ibindi.


Luc-Noël INGABIRE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.