IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburundi buracaharurwa mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi

Uburundi buracaharurwa mu bihugu vya mbere bikenye kw’isi

mardi 16 Nyakanga 2014

Uburundi buracari mu bihugu vya mbere bikenye kw’ isi, ndetse bubeshejweho ku bice bitari bike n’imfashanyo, biri mu cegeranyo casohowe n’ibanki nkuru y’isi yose ku vyerekeye ingene umwimbu w’igihugu wifashe.

Mu cegeranyo ca mbere cakozwe n’ibanki y’isi yose mu Burundi bise’’ 1er rapport de suivi de la situation économique et financière du Burundi’’, casohotse kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 16 Nyakanga, basanze Uburundi bubeshejweho ku bice vyinshi n’imfashanyo zivuye hanze. Ni muri iyo ntumbero, abegwa bose n’ikibazo c’ubutunzi bari bahuriye hamwe mu nyubakwa Royal palace, kugira bashobore guhanahana ivyiyumviro ku cokorwa kugira umwimbu w’igihugu wisununure, Uburundi ntibwame buteze amashi amakungu.

Ku bwa Rachidi B Radji aserukira ibanki y’isi mu Burundi avuga ko Uburundi bwoshobora kwisununura mu gihe bworeka kwikumira, ahubwo bugateza imbere na cane cane inyubakwa rusangi, umuyagankuba hamwe no gukuraho amatagisi ku mbibe kugira Uburundi nabwo bushobore kugira akarusho bukura mw’iyinjira muri nya mashirahamwe ahuza akarere. Aho ni mu gihe muri ico cegeranyo basaba gukomeza guhiganwa n’ibindi bihugu vyo mu karere.

Muri co gitabo nyene bise’’ De L’aide au commerce’’ ibanki y’isi yose ihamagarira abarundi kwitaho urudandazwa na cane cane gukomeza gushora hanze kandi ubwoko bw’ibidandazwa bitandukanye, aho ni mu gihe muri ico cegeranyo c’ibanki y’isi yose vyagaragaye ko igihugu c’Uburundi gishora cane cane ikawa gusa. Kubwa Albert Zeufack ,ari nawe yashikirije ico cegeranyo, akamenyesha ko igisata c’ubutare gishobora guha akaryo abarundi kugira igihagararo muri ayo mashirahamwe y’akarere.

Tubamenyeshe ko ivyo bikorwa vyari vyatewe iteka n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyiri. Mw’ijambo ryiwe akaba amenyesha y’uko n’ubwo biri uko, Uburundi bugikeneye imfashanyo z’uburyo butandukanye kugira ubutunzi bw’igihugu bushobore gutera imbere.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.