Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umugambi w’ukurwanya igiturire muri OBR watangujwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Umugambi w’ukurwanya igiturire muri OBR watangujwe

Umugambi w’ukurwanya igiturire muri OBR watangujwe

mardi 23 Ruhuhuma 2016, par egide

Ikigo kijejwe gutoza amakori ya Reta OBR kiri kumwe n’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta batanguje kuri uwu wa kabiri umugambi w’ukurwanya igiturire muri OBR (Office Burundais des Recettes)

Umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah MANIRAKIZA yamenyesheje ko uwo mugambi uje gukomeza imigambi Reta yiyemeje mu kurwanya igiturire.
Nk’uko yabishikirije, itunganwa ryiza ry’amakori rifasha Reta kurangura ibikorwa vy’iterambere, nk’ukwubaka ibitaro, amabarabara, ingomero z’umuyagankuba, hamwe n’uguhemba abakozi ba Reta.

Domisiyano NDIHOKUBWAYO, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR akaba yamenyesheje ko muri OBR biyemeje kurwanya igiturire, isuzumwa ry’uwo mugambi watangujwe kuri uwu wa kabiri rikaba ari iryo kuva mu mwaka w’2015 gushika mu mwaka w’2017.
Mu kigo OBR bakamenyesha kandi ko bashizeho inomero (500) nshasha itariha, abasabwe igiturire bakaba bashobora kwitura inzego za OBR.

JPEG - 26 ko
Domisiyano NDIHOKUBWAYO, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Domisiyano NDIHOKUBWAYO, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha ko igikorwa c’iyinjizwa mu kazi muri ico kigo cimirije kizoba ku mugaragaro ata nkunzi, biciye mw’ihiganwa. Umuyobozi mukuru wa OBR yabwiye abakeneye guhiganwa ko atawobahenda mu kubemerera akazi babanje gutanga amafaranga canke ibindi.

Ikigo OBR gitegekanya kwinjiza abakozi bashasha bagera kw’ijana na mirongo itatu (130).


IGIHE

Messages

  • IMBONERA KURE ITAKOZE AMARASO NTIZORONKA AKAZI.YEMWE TURAGOWE AHO BARATEMA BATONGORE BAHIGANIRWA IVYO BIBANZA 130

  • **KURI** AHO RERO USHATSE KUVUGA KO ABAKORA MURI OBR ARI IMBONERAKURE. NONE WARINZE IKI KWINJIRA MURI UWO MURWI NAMBA ARIKO NOWITA. ARIKO NDAGUHEBUJE MURI KIRYA KIGO CA OBR NIWAJANA AMARANGAMUTIMA NIVYIYUMVIRO NKIVYO VYAWE NTACO UZOHANOBA. RONDERA UBUMENYI BUKWIYE HANYUMA UZOGENDE WIPIME. YABA UNZI WOJE NKAGUSHINGIRA INTAHE. ARIKO NGIRA NTAYYO WOKWEMERA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.