Accueil > Ubutunzi > Uruhara rw’abashingamateka mu kurwanya gucukura ubutare amategeko (...)
Uruhara rw’abashingamateka mu kurwanya gucukura ubutare amategeko atubahirijwe
jeudi 20 Ruheshi 2013
Abashingamateka n’abakenguzamateka bari baramutse bakorana muri Hotel Sun Safari kugira barabire hamwe ibijanye n’icukurwa ry’ubutare mu Burundi. Intumbero nyamukuru y’iryo koraniro n’ukuvugana ingene hokwongerezwa inguvu n’ubumenyi ku bijanye n’ubutare mu Burundi kugira bashobore kurwanya icukurwa ritemewe n’amategeko.
Igituma rero hatumiwe ahanini abashingamateka n’abakenguzamateka, n’uko aribo baserukira abanyagihugu kandi bashobora kugira uruhara rukomeye mu kurwanya iryo cukurwa ritemewe n’amategeko.
Mu cirwa catanzwe n’umuhinga akaba kandi n’uwuserukira ku rwego rw’igihugu inama mpuzamakungu y’akarere k’ibihugu bigize CIRGL Kabura Gaspard yatanguye amenyesha ibihugu icenda bigize ako karere bihurikiye muri CIRGL arivyo Angola, Zambie, Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Republique Centre Africaine, Soudan, Kenya, Rwanda, Burundi. Yabandanije amenyesha amategeko rusangi ngenderwako yo gucukura ubutare yigiwe mu nama yabereye mu Lusaka, aho bafashe icemezo c’uko igihugu cose cokwigenga mu gushinga amategeko ngenderwako mu gucukura ubutare.
Itegeko rikuru bashimikiyeko i Lusaka mu gihugu ca Zambiya n’uko umuntu wese yimba ubutare ategerezwa kuba azwi mu gihugu, afise uruhusha rwa Leta hama n’uwushora ubutare ategerezwa kuba nawe nyene azwi n’amategeko kandi agatanga ikori muri Leta. Aho bimba ubutare naho hategerezwa kuba ata mirwi irwana ihari.
Umuhinga Kabura Gaspard yabandanije agabisha abo bose bashora ubutare buva mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo no mu bihugu bihana imbibe badafise urupapuro bahawe n’ubutegetsi.

Tukabamenyesha ko mu kwemerera abacukura ubutare hariho amategeko mpuzamakungu yisungwa. Yarangije asaba abakenguzamateka gukora ibishoboka vyose kubera aribo bafise uruhara ntangere mw’itunganywa nyakuri ry’ugucukura ubutare, bagacungera kandi ko amakori arihwa nk’uko bitegerezwa biciye mu mategeko.

Prosper Ndayikeza