Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urunani rw’abarimyi b’ikawa CNAC rurashimishwa n’intambwe rugezeko mu guteza (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Urunani rw’abarimyi b’ikawa CNAC rurashimishwa n’intambwe rugezeko mu guteza (...)

Urunani rw’abarimyi b’ikawa CNAC rurashimishwa n’intambwe rugezeko mu guteza imbere ikawa

vendredi 21 Kigarama 2012

Urunani rw’abarimyi b’ikawa ‘’CNAC murima w’isangi’’ rwatunganije kuri uyu wa kane igenekerezo rya 20 kigarama 2012, inama ya bose ngo barabe ibikorwa vyaranguwe inyuma yaho bashiriyeho inzego nshasha kw’igenekerezo rya 30 myandagaro 2011.

Ngo naho urugamba rukiri rurerure, Yozefu Ntirabampa arongoye CNAC avuga ko muri rusangi komite arongoye yashoboye kurangura ibitari bike. Akarorero ngo nuko umwimbu w’ikawa wiyongereye ugereranije no mu mwaka uheze. Ubu habonetse itoni 28.000 kandi mu mwaka w’2011 abarimyi bari baronse itoni 14.000 gusa.

Ivyo rero ngo bikaba vyavuye k’ukuntu abarongoye urwo runani babaye hafi y’abarimyi mbere bakanabaronderera aho baja gukarisha ubwenge mu mahanga canke muzindi ntara ziba ziteye imbere gusumba. Abaserukira abarimyi b’ikawa 10 harimwo n’umumenyeshamakuru akorera iradiyo Isanganiro baragize urugendo-shure mu gihugu ca Etiyopia. Bakaba baharonkeye inyigisho zijanye no gutunganya inani z’amakoperative.

Abarimyi 15 nabo baragiye gukarisha ubwenge mu Rwanda. Baharonkeye inyigisho zo gutunganya amakoperative, kwishorera umwimbu no kwubaka itonorero ry’ikawa uhereye kuyatwara uburyo buke. Abandi 3 nabo bo mu baserukira abarimyi bakaba baragiye muri Amerika mu nama y’amahayanisha agurisha ikawa z’akanovera. Eka ngo ivyo bakoze ni vyinshi ntiyobidondagurira rimwe.

kw’ifoto:Yozefu Ntirabampa, arongoye runani CNAC


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.