IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > 2013-2014 Bujumbura iyagayaga

2013-2014 Bujumbura iyagayaga

vendredi 14 Ruheshi 2013

Amashirahamwe mpuzamakungu nka GIZ, CTB, barikumwe n’abarongoye igisagara ca Bujumbura, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013 baragize inama mu ntumbero yo gutegura uburyo bukenewe, mu gushigikira ibikorwa vya « Bujumbura buyagayaga »mu mwaka w’2013-2014.

Mw’ijambo ryo kwugurura iyo nama, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Saïdi Juma yamenyesheje ko ibikorwa vy’uyo mugambi wa Bujumbura iyagayaga, uzoba ushingiye cane ku mutekano uraba bose. Ivyo kandi bizotuma ububisha bumwe bumwe bwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura buzotuzwa mu nzira yo gutsimbataza amahoro n’umutekano mu gisagara ca Bujumbura, kandi ndetse bizotuma igasagara ca Bujumbura kiba igisagara kimeze neza kandi gikundwa cane.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura akaba yamenyesheje ko uyo mugambi ubu, ubuze uburyo kugire utangure kuja mungiro, uyo mugambi kandi ukaba ushigikiwe n’amashirahamwe ya GIZ na CTB. Juma, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, akaba yarashimiye cane abasanzwe baremeye gufasha uyo mugambi wo gutegura igisagara ciza kandi kiyagayaga. Muri uyo mugambi rero, mu makomine amwe amwe y’igisagara ca Bujumbura, ubu haramaze kujaho amakomite y’umutekano muri Rohero, Musaga, Kanyosha na Kamenge.

Ayo makomite y’umutekano rero ngo aramaze gushika ku kintu ciza cane nk’uko bivurwa na musitanteri wa komine Kamenge, aho muri karatiye ya Songa, ingeso zo guhohotera abanyagihugu ziriko ziragabanuka kuva aho iyo komite ishingiwe. Ikindi naco ni uko inzego zijejwe umutekano, ubutungane, amashirahamwe yigenga, abaserukira intwaro bakomejwe mu ntumbero yo gushigikira bimwe biboneka uyo muganbi wo kugira neza igisagara ca Bujumbura.

Ku bw’abarongoye amashirahamwe ya GIZ umupfasoni Petra Wagner n’uwuserukira ONU-Habitat Gaspard Kabundege, bose barashima intambwe uyo mugambi ugezeko, ndetse bagashima n’aho ibikorwa bigeze ku makomine ariko abera akarorero ayandi, barangiza rero basaba abandi boshobora guterera muri uyo mugambi, gufasha ku gira muri iki kiringo c’2013-2014 igisagara ca Bujumbura kizobe ari igisagara kirangwamwo umutekano, kizira ubukozi bw’ikibi ubw’aribo bwose.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.