Umukuru w’igihugu yagenye abagize urwego nshingwantwaro rwa REGIDESO

Yanditswe na IGIHE
Kuya 27 juin 2018 saa 09:12
27105
0 0

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagenye bashasha bagize urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi mu Burundi REGIDESO.

Abo bagenywe n’umukuru w’igihugu mu rwego nshingwantwaro ni Martin NDAYIZEYE arurongoye, Jean Claude MBARUSHIMANA , icegera ciwe, hamwe na Simeon HABONIMANA, umunyamabanga w’urwo rwego.

Abandi bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu kuba mu bagize urwo rwego ni:Christophe NIYONGERE, Ariane KIGEME, Jean Nepomscene MASUMBUKO, Innocent NGOMIRAKIZA, CP Albert BISAGANYA na Thierry Dismas NGEZAHINDAVYI.

Abagize urwego nshingwantwaro ba REGIDESO, bagenywe inyuma y’iminsi mike hagenywe abarongozi bashasha b’ishirahamwe ritanga amatara n’amazi REGIDESO.

Abagize urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe REGIDESO bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu inomero 100/069 ryo kuwa 27 Ruheshi 2018.


Kumenyekanisha

1
Pasco 5-07-2018 à 21:34

Kuvyukuri Regideso Ko Ari Ishirahamwe Rya Leta,irakwiye Guhindura Indinganizo Yaryo Kko Niyo Ibikwiye Gushora(kudandaza)abenegihugu Bakagura,nkubu Ibisagara Biraguka Arko Imigende Canke Imihora Yamatara Ntibagura,kand Abenegihugu Babikeneye.

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha