Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
2014, umwaka wahariwe uburimyi mbumbarugo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > 2014, umwaka wahariwe uburimyi mbumbarugo

2014, umwaka wahariwe uburimyi mbumbarugo

mercredi 24 Nyakanga 2014

Nk’uko bivugwa na Boniface Mwikomo umwunganizi w’umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, uburimyi mbumbarugo bufitiye akamaro kanini igice kinini c’abarundi.

Boniface Mwikomo akavuga ko uyu mwaka w’2014 wahariwe uburimyi mbumbarugo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Abandanya amenyesha ko abarimyi bategerezwa kwigishwa uko borima mu ntumbero yo kurwiza umwimbu, hakoreshejwe ubuhinga bwa none. Muri ivyo bikorwa vyari vyatumiwemwo abarongoye uburimyi n’ubworozi mu ntara za Bujumbura, Bubanza, Cibitoke na Muramvya, hamwe n’abarimyi bo muri izo ntara, bakaba basabwa gukora mu ntumbero yo guteza imbere uburimyi, na cane cane uburimyi mbumbarugo.

Mukamenya ko mu gihugu c’Uburundi, ibice bigera kuri 90 kw’ijana bitunzwe n’uburimyi n’ubworozi, ariko bikagaragara ko uburimyi bwakoreshwa mu myaka iheze, bwo kurima atamwavu urinze gukoreshwa vyahindutse, isi yatitutse, umwavu nawo abanyagihugu bakavuga ko ubazimba, ibituma umwimbu utera usubira inyuma mu gihugu, inzara nayo, igaca yugariza imiryango itandukanye.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.