IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Ibikorwa vy’ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" vyahagaritswe mu (...)

Ibikorwa vy’ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" vyahagaritswe mu Burundi

vendredi 24 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iryo kete rya Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yategetse ko ibikorwa vy’ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" vyohagarara ubwo nyene abarirongoye bakibona iryo kete, agasaba ba Buramatari b’intara zose iryo shirahamwe ryakoreramwo ko bogenzura iyubahirizwa hamwe n’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo. Iryo shirahamwe ryabwiwe ko rizosubira gukora hafashwe iyindi ngingo isubirira iyo y’uguhagarika ibikorwa.

Amakuru dukura mw’ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA" amenyesha ko ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bwashatse ko iryo shirahamwe rihagarika ibikorwa vyaryo mu kiringo c’indwi imwe, kugira abaserukira ubwo bushikiranganji hamwe n’abarongoye iryo shirahamwe babanze barabire hamwe ko ihangiro iryo shirahamwe ryihaye ririko rirashikwako, hamwe n’uruhara rw’iryo shirahamwe mw’iterambere ry’abarimyi n’aborozi. Abakozi b’iryo shirahamwe babwiwe iyo ngingo mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, akaba ari naho ibikorwa vyabo vyaciye bihagararira mu kurindira iyindi ngingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Aimerance NIRERA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyesha muri ubwo bushikiranganji baza gutanga umuco mu makuru yacu yo hanyuma, kuri iyo ngingo yafashwe.

Abarimyi n’aborozi bagera ku bihumbi 98 nibo bari basanzwe bafashwa n’ishirahamwe "One Acre Fund TUBURA", mu bijanye n’imigambi y’ukurima n’ukworora kijambere, ukubaha imbuto, ifumbire, hamwe n’ukubafasha mu gushinga amakoperative. Iryo shirahamwe rikoresha abakozi b’Abarundi hafi amajana icenda, rikaba rikorera mu ntara zitanu arizo Muramvya, Gitega, Kayanza, Mwaro na Ngozi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Abitwa ngo batwara igihugu rimwe na rimwe baratangaje. Umve nk’uyo bahamagaye kw’itelefone ngo hagarika ishirahamwe agaca abishira mu ngiro atazi na kimwe cabaye. Iyo bababwiye ngo ica baca bica. Uko niko igihugu capfuye kubera nta uzi uwutegeka uwundi.

  • Aha usanga abategetsi ataco bahanoba!Ewe bategetsi bacu b’Aafrika murimaramaza!Muzirana n’ikintu cose kiza giteza imbere umunyagihugu nyarucari!Mwaravumwe nka Gahini wo muri Bibiliya!Ngaho Stevia mwarayiranduye,democratie murayicuritse,...

  • Biragoye!Ubu Abantu Bari Mubibazo Vyishi Biyumvira Aho Bazokura Ifumbire Y,ikizungu Kuko Benshi Ntibari Bagize Comande Muri Reta Nukuri Rabe Mutubarize Kuko Najewe Ubu Simbo Uko Tugiye Gutera Tubura Iramutse Idataze Umwavu.Nimutubarize Reta Izotume Isubira Kwandika Abakeneye Umwavu Kuko Ubu Ndabona Benshi Ntituzotera.Canke Barabeko Tubura Yoduha Ako Kavu Nanzi Gwiki Inzara Iratwinjiraye Pe!

  • Amaborogo Ararembeje Abantu Bamwebamwe Najewe Ndimwo Pe!Twebwe Twatora Ifumbire Muri Tubura Twari Twizeye Ko Izosubira Gukora Igatanga Akavu None Ubu Twaburaniwe.Ico Twosaba Leta Nize Isubire Itwandike Mumwavu Kugira Turabe Ko Twotera Nkabandi Kuko Twari Twizeye Kotworose Akavu Muri Tubura!Nanzi Ngo Umwimbu Wahora Ubuneka Ubuho Ugiye Kubura Pe!Turarima Muga Twadehukewe Pe!Tubura Twebwe Batobato Yandufasha.Ese Hoho Leta Yoza Igasubira Kwandika Abatanditse Tukazoronka Akavu.Ubu Abantu Bihebuye Najewe Ndimwo.

  • Biragoye!None Ntakavu Tuzoronka?Jewe Nari Umunywanyi Wa Tubura, Mwotubariza?Bindakunda Tuzobatugowe Kuko Twaguma Twibaza Ko Izosubira Gukora!Inzara Izoba Itwinjiranye Tugiye Turagura Kukiro!Imvura Yaguye Twaciye Dutangura Kwihebura.

  • Harabavye Harabavye! Mbega Mwotwumvira Tubura Izotanga Akavu?Imvura Iraguye Natwe Ntakavu Dufise!Twagatora Muri Tubura.Nimutubarize Twumveko Twogatora Muri Leta Dutere Nkabandi Batwandike Ntakundi Inzara Iratwinjiranye None Tuzogura Kukiro Kiro Tuzorica!Nimutubarize.

  • Nimwigarur Bashikiranganj Muturekurir Ishirahamw Ridufasha Jew Ndumunwany Wa Tubura Haragz Ukwez Kwa 3 Ntarater Imbut Nn Nzotungwa Nik Mbe Twebw Abanwany Kwatakosa Turibonak Mwebw Muryagiriza Iki?Yooo Tureke Twibereho Yemwe Nimwe Mutwish Nabi.

  • Haaa!Bigagoye Pe!Twebwe Abanywanyi Batobato Twari Muri Tubura Ntituzotera!Ubu Hageze Aho Abantu Batera Ibiharage Atamwavu Urimwo Bizeye Ngo Tubura Izotanga Ifumbire Ngobazotume Ngobashikako Ngo Nahovyoba Vyameze!None Birabaho!Ikiro C,ifunbire Dap Kigurwa 2OOOF Nayaregako.Nkubu Iyoba Tubura Yaratanze Umwavu Vyotumye Umwavu Uzimbuka!Turatakambiye Leta Yacu Yu burundi Irabe Ukungene Tworonka Akavu.None Yaduhevye!Umwimbu W,unomwaka Uzoba Umeze Gute!Beshi Twari Muri Tubura Twari Twagumye Twizeye Akavu Muri Tubura.Leta Yacu Yu Burundi Nidufashe Nukuri Tubura Iduhe Akavu, Turatakamvye!Ntamwana N,ikinono!

  • Jewe nk’umunyagihugu asanzwe sinzi impamvu zu’ukuri zatumye Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi afata ingingo nkiyo. ikigaragara n’uko LETA y’uburundi ikwiye kuraba neza izo mvo. ahanini zishobora kuba ziva kukungene abarimyi bariko barijukira TUBURA gusumba PNCB. Aha rero imvo ruswa zabera mumase LETA yatanga je ntanguye kuzikeka. kuko vrema wihweje umwimbu abanyagihugu bari batanguye kuronka et surtout ubumenyi muvyo kurima bari batanguye kugira, sinumva ingene umushikiranganji yofata ingingo itaroranye nkiyo! nizere ko agiye kwikebuka. ok! amakosa ahari avanweho mais ntitwirukane iterambere kumvo zoba ziva kubantu bafise inyungu zabo vraiment

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.