Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > ’’Hariko hakoreshwa inguvu zidasanzwe kugira igisata c’ikawa gitere (...)
’’Hariko hakoreshwa inguvu zidasanzwe kugira igisata c’ikawa gitere imbere.’’
lundi 12 mars 2018
Epaphras NDIKUMANA avuga ko mu rugendo yagize mu ntumbero yo kuraba aho abarimyi bageze n’uko amatonorero ariko arakora, yasanze hari abariko bakoresha inguvu zidasanzwe kugira igisata c’ikawa gitere imbere, kandi haboneke umwimbu w’akanovera.
Umunyamabanga nteyegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi amenyesha ko muri urwo rugendo yasanze amatonorero akora ukuri kwamye, kandi ko ayo matonorero yiteguye kwakira umwimbu w’ikawa ukwiye, muri uno mwaka wa 2018.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, asigura ko imbere y’imyaka itatu iheze, umwimbu w’ikawa wagenda uraduga ahandi ukagabanuka, ariko ubu haheze imyaka itatu ikurikirana, umwimbu uguma uduga.
- Epaphras NDIKUMANA, Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi
Epaphras NDIKUMANA avuga ariko ko naho biri ukwo, ingorane zozo zitabuze, na cane cane izifatiye ku buryo buke, hamwe n’imyidogo y’abarimyi b’ikawa ku bijanye n’agashirukabute gato baronka, kandi aribo bakora ibikorwa vyinshi.
Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, arahumuriza abarimyi, ko ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi buri kumwe n’igisata c’igihugu kijejwe igiterwa c’ikawa ARFIC bariko barakora kugira umurimyi w’ikawa ahakure akarusho.
Ku bijanye n’uko hari abarimyi b’ikawa badebukiwe, Epaphras NDIKUMANA, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, amenyesha ko Reta ibicishije mu bushikiranganji, bariko barasubira guhimiriza abanyagihugu, ko ikawa ari isoko ry’iterambere ry’igihugu n’imiryango, kandi ko n’amatuta y’ikawa ariko aratunganywa.
- Ikawa ihiye ikiri ku giti, igeze kwamurwa
Mu kwezi kw’icumi 2017, ikawa yo mu Burundi yatonorewe mw’itonorero ry’ikawa ryo mu Kibingo mu ntara ya Kayanza niyo yabaye iya mbere kw’isi, mw’ihiganwa ryatunganijwe n’ishirahamwe ACE (Alliance for Coffee Excellence), I Boston, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Muri iryo higanwa, ikwa y’Uburundi yaguzwe icamunara, ku madorare 115 y’abanyamerika, ikiro kimwe.
MUGISHA Van Naris
Messages
12 mars 2018, 15:06, par bizimana philbert
Andika hano.none mwunva atarimwebwe mutera abarimyi bikawa ubunebwe.none ko mwagurishije kukiro kimwe115 vyi dorare.uno mwaka umunyagihugu kugira agire inguvu zukurima ikawa mwamwongeye angahe afatika not ibiceri.kuko 115 vyi dorare.bivunjwa 250 ya dufatiye gusa kwi dorare100
13 mars 2018, 06:47, par birikumana fabrice
Uburundi burya bwicaranye imitungo nyinshi hama nibagire umurimyi wikawe nawe atuburure agakanda