Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Bujumbura-Rural : Inka zibiri bikekwa ko zariye uburozi basanze zapfiriye (...)
Bujumbura-Rural : Inka zibiri bikekwa ko zariye uburozi basanze zapfiriye mu ruhongore
mardi 2 janvier 2018
Izo nka zari izo umugabo azwi kw’izina rya Libere DUNARI aba ku mutumba Bikanka, zone Bikanka, komine Mukike, intara ya Bujumbura Rural.
Amakuru ava mu ku mutumba Bikanka, muri komine Mukike, amenyesha ko izo nka zasohotse zigiye kurira hanze ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 1 Nzero 2018, zihejeje zisubizwa mu ruhongore zose zikomeye.
Ayo makuru nyene amenyesha ko mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri, ariho basanga zibiri muri zitandatu, harimwo n’inyana zibiri uwo mushingantahe Libere DUNARI yari atunze zapfuye.
Musitanteri wa komine Mukike, NIMUBONA Renovat aremeza ayo makuru, akamenyesha ko abaganga b’ibitungwa bahashitse, bagasanga izo nka zoba zishwe n’ivyo zariye mu bwatsi zagaburiwe ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere.
![](local/cache-vignettes/L640xH360/inka-2e468.jpg?1517290694)
Mu gihe hari amakuru yavuga ko zoba zapfuye zihawe uburozi,NIMUBONA Renovat arabeshuza ayo makuru, akavuga ko Libere DUNARI asanzwe abanye neza n’abandi, kandi ko izo nka ataho zoba zarariye uburozi, kuko zitagiye kure.
MUGISHA Van Naris
Messages
2 janvier 2018, 21:57, par NEPHTALIE
TURASHIMA CANE INGENE IMANA YAHAYE UBWENGE INDONGOZI Z’IGIHUGU CACU CANE CANE MUTAMA WACU KIZIGENZA PETER NKURUNZIZA. GUMA KW’IVORA UTEZE IMBERE UBURUNDI NATWE ABO CAVUNYE TUKURI INYUMA.