IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > API yizeye ko umuyagankuba uhari uzotorera inyishu ikibazo c’ubukene (...)

API yizeye ko umuyagankuba uhari uzotorera inyishu ikibazo c’ubukene bw’amafaranga y’agaciro

mercredi 27 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kigo API (Agence Burundaise pour la Promotion des Investissements) bamenyesha ko ikibazo nyamukuru Uburundi bwahorana mu bijanye n’ukurwiza umwimbu yari ic’umuyagankuba, uwo muyagankuba akaba ariwo ufasha kurwiza umwimbu ubwa mbere, kuko nk’uko bishikirizwa na Didace NGENDAKUMANA umuyobozi mukuru w’ikigo API, imbere y’uko umudandaza ashorera hanze abanza kurwiza umwimbu.

"Umuyagankuba rero urahari guhera muri uku kw’icenda. Ni icizere ko mu minsi itari myinshi bamwe bose bakoze ibiberekeye neza bishoboka ko Uburundi burwiza umwimbu, ariwo uzoca uvamwo ibishorerwa hanze."

Didace NGENDAKUMANA amenyesha ko ari muri iyo ntumbero kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 27 Nyakanga 2017, ikigo API cakoranije abanyamitahe, kugira babahimirize, bongere babibutse ivyo bafitiye uburenganzira mu masezerano ari mu burusho kw’ugushorera muri Afrika y’ubuseruko canke muri COMESA butegekanijwe mu masezerano ahuza iyo miryango Uburundi busanzwe burimwo.

"Ayo masezerano arategekanya ko igihugu gisanzwe kiri muri ayo masezerano gifise uburenganzira bw’ugushorerayo kitarihishijwe amafaranga amwe amwe ku bidandazwa, canke ayo mafaranga akaganuka bivanye n’ibidandazwa bishowe. Ivyo rero twararavye dusanga abarundi bashorera muri Afrika y’ubuseruko na COMESA ntibabaye benshi, n’abashoreyeyo ntibatwaye vyinshi. Nico gituma turiko turabira hamwe inzitizi zihari. Dushaka ko mu minsi ya vuba ivyo bidandazwa Uburundi bushorera hanze biba vyinshi, na cane cane ko ibisabwa vyose biriho."

JPEG - 93.1 ko
Didace NGENDAKUMANA, umuyobozi mukuru w’ikigo API

Bamwe mu banyamitahe bari muri urwo ruganda rwatunganijwe na API bashikirije ikibazo bafise c’ubukene bw’amafaranga y’agaciro, bakavuga ko biheza bikabagora ingene bashobora kugura ibikoresho baba bakeneye bigurirwa hanze y’Uburundi.

Didace NGENDAKUMANA umuyobozi mukuru wa API aremera ko ico kibazo gihari, ariko akavuga ko kizotorerwa inyishu mu kuduza umwimbu.

"Mu gutora umuti w’iyo ntambamyi, harimwo ukurwiza ibidandazwa bishorerwa hanze y’igihugu. Igihe amahinguriro ashoboye gukora ijana kw’ijana kubera umuyagankuba uhari, ko asanzwe afise amasoko haba muri Congo canke muri aka karere, murumva ko iyo ashoreye ivyo bidandazwa hanze y’igihugu bizana amafaranga y’agaciro. Ni imwe mu nzira z’ugutora umuti ku bibaza vy’amafaranga y’agaciro."

Muri API baremera ko hakiri iyindi ntambayi y’ukuronka amadeni muma banki ku barwizatunga b’Abarundi, ariko bakizeza ko ico kibazo kigiye gutorera inyishu.

"Hariho amategeko mashasha yagiyeho y’ukworohereza abaronka amadeni. Ayo nayo arizera ko azogira ico afashije mu gufasha abanyamitahe kuronka uburyo bw’ugukora."


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.