IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza bakorera ahatazwi bagiye kwandikwa

Abadandaza bakorera ahatazwi bagiye kwandikwa

mardi 3 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuyobozi mukuru ajejwe igendereza mu kigo OBR, Julius BUCUMI yamenyesheje ko ico gikorwa kizokorwa n’ikigo OBR hamwe n’abajejwe intwaro, kuko aribo bazi abakorera aho barongoye.

Julius BUCUMI avuga ko abajejwe intwaro bazohanahana amakuru kuva ku bajejwe intwaro bo hejuru gushika ku barongoye amakaritiye. Muri ico gikorwa, abagwizatunga bakazokwuzuza impapuro z’umwidondoro, icegeranyo cazo kikazoca gishikirizwa mu kigo OBR.

JPEG - 62.5 ko
Julius BUCUMI, Umuyobozi mukuru ajejwe igendereza mu kigo OBR (i bubamfu)

Umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Ramadhan NIYONKURU yahamagariye abanyagisagara ca Bujumbura bafise imyuga itandukanye kuzokwiyandikisha ku barongoye amakaritiye, nkuko babisabwe.

N’aho Julius BUCUMI yemeza ko ata bihano bitegekanijwe ku muntu atazokwitaba ako kamo, umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Ramdhan NIYONKURU avuga ko uwuzofatwa ariko adandaza canke ariko akora umwuga utazwi ko ibikorwa vyiwe bizoca vyugarwa.

“Uwuzofatwa ariko aradandaza ibidandazwa atazwi, bazobihagarika canke abazwe ivyo ariko arakora kuko iki gikorwa kizofasha mu gukingira umutekano”.

JPEG - 62.5 ko
Ramadhan NIYONKURU, Umuhanuzi mukuru w’umukuru w’igisagara ca Bujumbura (i buryo)

Tubamenyeshe ko ico gikorwa c’ukwandika abadandaza catanguriye mu gisagara ca Bujumbura, kikazomara iminsi 15 imbere yuko gitandukira izindi ntara z’igihugu. Umudandazwa azoba yanditswe akazoca aronswa n’ikigo OBR inomero ndangamutangakori bita “NIF" (Numero d’Identification Fiscale).


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.