IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza bo mw’ibarabara bashikirije ikibazo cabo ubushikiranganji (...)

Abadandaza bo mw’ibarabara bashikirije ikibazo cabo ubushikiranganji bw’umutekano

mardi 11 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abadandaza bakora urudandaza ruto ruto rwo mu mabarabara baridogera igiporisi ko kibandanya kibafata kandi bafise impapuro zibaha uburenganzira bw’ugukora, impapuro bahawe n’ubuyobozi bw’igisagaraca ca Bujumbura.

Abo badandaza bavuga ko abaporisi baterekwa izo mpapuro bahawe, kandi zibarekurira gutora ata nkomanzi. Abaserukira abo badandaza bamenyesha ko iyo bahuye n’abaporisi babafata, mbere n’ibidandazwa baba baranguye bigatwarwa n’igiporisi.

Abo badandaza basaba ubushikiranganji bw’umutekano ko bwofata mu minwe ikibazo cabo kigatorerwa inyishu, kuko babuze ayo bacira n’ayo bamira.

Mu giporisi basigura ko batazi izo mpusha abo badandaza bahawe, bagasaba abazitanze ko bobimenyesha igiporisi, kugira nabo bamenye ko izo mpusha ari iz’ukuri, bongere bamenye ububasha bw’izo mpusha aho bugera.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.