IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Abagabo bafise abagore barenga umwe basigaranye amezi atandatu

Abagabo bafise abagore barenga umwe basigaranye amezi atandatu

lundi 19 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko inyuma y’iryo sansuma ry’ingo zubatse bitazwi n’amategeko, igikorwa kizoba gisigaye ari ic’ukwiyandikisha imbere y’amategeko (Etat Civil), abagabo bose bafise abagore barenga umwe bagasabwa ko gushika kuwa 31 Kigarama 2017 boba bahejeje kwandikisha umugore umwe imbere y’amategeko.

Umugabo wese afise abagore barenga umwe asabwa guhitamwo umwe yandikishwa mu mategeko (Etat Civil) nk’uko amategeko y’Uburundi ajejwe ingo n’imiryango abisaba. Ku kibazo c’uwo umugabo yohitamwo, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bagira bati :

"Twebwe twarahanuye ko vyoba vyiza uwo mugabo ahisemwo umugore mukuru batanguye kubana, ariko afise uburenganzira bw’ugutora uwo yumva akunda gusumba uwundi."

JPEG - 2.5 Mo
Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu (hagati, yambaye amarori)

Ku kibazo c’abagore bazoba batahiswemwo, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko abana bavyaranye n’uwo mugabo bazoguma bakingiwe n’amategeko, ariko bakavuga ko uwo mugore atandikishijwe atazoba akingiwe n’amategeko.

"Abo bana barandikishwa mu mategeko, kuko ni ab’uwo mugabo, kandi ategerezwa kubakurikirana kuko ni abiwe."

Bamwe mubo mw’idini rya Isiramu bamenyesha ko iyo ngingo ari iyihohotera uburenganzira bahabwa n’amategeko y’Imana yemerera abagabo kubana n’abagore barenga umwe. Abo bemerera ivyanditswe mu gitabu c’ikorowani (Coran) bavuga ko ata muntu n’umwe canke itegeko na rimwe ryari rikwiye kuvuguruza ivyashikirijwe n’intumwa y’Imana Mohamed.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.