IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ibintu 5 abakundana bokorera hamwe imbere yo kubakana

Ibintu 5 abakundana bokorera hamwe imbere yo kubakana

mardi 21 Ndamukiza 2015

Woba ugomba kwubaka? Raba ibihe 5 bikomeye abakundana botegerezwa gucamwo bari hamwe imbere yo gukora ubugeni.

1.Gushwana bikomeye n’uwo mukundanye

Gushwana birafasha kumenya uko uwo mukundanye, iyo ashavuye amera n’ibintu bikunda kumushavuza. Ivyo navyo biratuma abakundanye bashobora kwirinda imishamirano hagati yabo muri kazoza, kuko baba bamaze kumenya ico bose bakunda n’ico banka. Nico gituma bahanura abakundanye ko iyo hariho ikintu cashavuje umwe kukivuga mbere akanakara cane, kugira uwundi abimenye, ashobore no kucirinda muri kazoza.

2. Kumenyana n’umuryango w’uwo mukundanye

Kumenyana n’umuryango w’uwo mukundana imbere yo gukora ubugeni ni vyiza cane kuko umuntu aca amenya uko yokwifata ari kumwe nabo, mbere akanamenya n’imibereho yabo n’ico bakunda.Ivyo birafasha mu kwirinda imishamirano ishobora kwanduka hagati y’umuryango w’uwo mukundanye. Ivyo birakora no ku bagenzi b’uwo mukundanye, naho nyene ni vyiza ko umuntu amenyana n’abo.

3.Kugira ingorane z’amahera

Iyo abakundanye bagize ingorane z’amahera bari hamwe imbere yo gukora ubugeni, birafasha kumenya umwe wese uko uwundi avyifatamwo. Ingorane z’amahera kiri mu bintu bikunda gutandukanya abakundanye, iyo rero mubitoreye inyishu hamwe imbere y’uko mwubakana, ico kibazo iyo kigarutse muri kazoza muramenya ukuntu muvyifatamwo.

4. Kuvugana amabanga yose

Ni vyiza ko abakundanye bavugana amabanga yabo, nimba ari ubuzima babayemwo kera batarakundana canke abo bakundanye imbere y’uko bakundana, canke ari uwurwaye nk’indwara idakira, akabimbwira uwundi imbere y’ukubakana.Ivyo biraheza bigatuma atabinyoma bibaho mu rugo rwabo.

5. Kwerekana kamere

Ni vyiza ko abakundanye boza barerekana bose kamere, kabo kugira bamenyerane. Nk’umwe akunda gufungura canke akunda kuryamira, ntabinyegeze mugabo avyerekane ku mukunzi wiwe, bazogende kubana azi ukuntu uwundi ameze n’akamere kiwe.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.