IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Impanuro ku bagabo bigora kurangura amabanga y’abubatse kubera (...)

Impanuro ku bagabo bigora kurangura amabanga y’abubatse kubera ubusaza

mercredi 11 Ntwarante 2015

Abagabo bamwe bamwe baragira ingorane zo kurangura amabanga y’abubatse mu gihe abagore babo bashaka ko barangura ayo mabanga. Ivyo bitera ingorane nyinshi mu rugo, harimwo kurenga ibigo canke kwikekana hagati y’abubakanye. Mbega abahinga batanga impanuro izihe?

Abagabo bahumuye kenshi na kenshi barateba gufata akariro (éréction), ibitsina vyabo bikabagore gushaka kurangura amabanga y’abubatse, mu gihe umugore ashatse ko barangura amabanga y’abubatse. Twavuze ko ivyo bishobora gutera kutumvikana hagati y’umugabo n’umugore. Umugore ashobora kwibaza ko umugabo wiwe arenga ibigo agataha atakimushaka, canke bigatuma umugore arondera uwoba abishoboye. Ivyo birashobora gutuma abagabo ba kino gihe bashaka kurondera imiti nka Cialis canke Viagra yobafasha kubakiza izo ngorane.

Umuhinga mu mibano n’ingo Pamela Stephenson Connolly avuga ko abagabo bibaza ko iyo miti yobafasha bihenda cane, ati:" Iyo miti ifasha kugira imvyarabibondo imare umwanya munini ifise akariro, ariko ntifasha ko igitsina corangura amabanga neza (éréction)". Pamela avugako iyo umugabo ariko arahumura bimusaba umwanya munini kugira igitsina ciwe kigire inguvu, kirangure amabanga y’abubatse. Ivyo rero bivana n’uko umubiri usazishwa n’imyaka, aho ibintu vyinshi bihinduka ku mubiri w’umuntu wese.

Mbega umugabo n’umugore bafise izo ngorane bovyifatamwo gute?

Ica mbere n’uko umugore yomenya ingorane umugabo wiwe afise, agatahura ko atari ingeso zo kurenga ibigo akamenya ko ahubwo ari ubusaza. Ivyo mu kubimenya umugabo asabwa kubisigurira umugore wiwe. Mu gihe umugore ashatse ko barangura amabanga y’ababubatse n’uwo mugabo, azi ko afise izo ngorane, yobimufashamwo. Mukumufasha, umugore n’uwo mugabo barahindura uko bahora bategurana (caresser) imbere y’uko bashika kw’ibanga ry’abubatse. Umugabo ntiyoguma ashaka kugira uko yahora abigira, kera akiritera akarisama, yohindura.

Nk’uko umugore aba ariwe ashaka ko bagira ibanga ry’abubatse ategerezwa gufasha umugabo wiwe (caresser) mu kumubwira amajambo aryoshe, kumukorakora bukebuke adahinda, amwibutsa ibintu vyabaryoheye muri kahise, gutyo umugabo arateba akagira akariro kenshi, mbere igitsina ciwe, kikarangura neza ayo mabanga, maze bakarangura ibanga ry’abubatse nk’uko vyahora.

Impanuro za Pamela Stephenson Connolly muzisanga mu kinyamakuru www.theguardian.com mu ruririmi rw’Icongereza.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.