Accueil > Imibano > Urukundo > Impanuro ku bagabo bigora kurangura amabanga y’abubatse kubera (...)
Impanuro ku bagabo bigora kurangura amabanga y’abubatse kubera ubusaza
mercredi 11 Ntwarante 2015
Abagabo bamwe bamwe baragira ingorane zo kurangura amabanga y’abubatse mu gihe abagore babo bashaka ko barangura ayo mabanga. Ivyo bitera ingorane nyinshi mu rugo, harimwo kurenga ibigo canke kwikekana hagati y’abubakanye. Mbega abahinga batanga impanuro izihe?

Abagabo bahumuye kenshi na kenshi barateba gufata akariro (éréction), ibitsina vyabo bikabagore gushaka kurangura amabanga y’abubatse, mu gihe umugore ashatse ko barangura amabanga y’abubatse. Twavuze ko ivyo bishobora gutera kutumvikana hagati y’umugabo n’umugore. Umugore ashobora kwibaza ko umugabo wiwe arenga ibigo agataha atakimushaka, canke bigatuma umugore arondera uwoba abishoboye. Ivyo birashobora gutuma abagabo ba kino gihe bashaka kurondera imiti nka Cialis canke Viagra yobafasha kubakiza izo ngorane.
Umuhinga mu mibano n’ingo Pamela Stephenson Connolly avuga ko abagabo bibaza ko iyo miti yobafasha bihenda cane, ati:" Iyo miti ifasha kugira imvyarabibondo imare umwanya munini ifise akariro, ariko ntifasha ko igitsina corangura amabanga neza (éréction)". Pamela avugako iyo umugabo ariko arahumura bimusaba umwanya munini kugira igitsina ciwe kigire inguvu, kirangure amabanga y’abubatse. Ivyo rero bivana n’uko umubiri usazishwa n’imyaka, aho ibintu vyinshi bihinduka ku mubiri w’umuntu wese.
Mbega umugabo n’umugore bafise izo ngorane bovyifatamwo gute?
Ica mbere n’uko umugore yomenya ingorane umugabo wiwe afise, agatahura ko atari ingeso zo kurenga ibigo akamenya ko ahubwo ari ubusaza. Ivyo mu kubimenya umugabo asabwa kubisigurira umugore wiwe. Mu gihe umugore ashatse ko barangura amabanga y’ababubatse n’uwo mugabo, azi ko afise izo ngorane, yobimufashamwo. Mukumufasha, umugore n’uwo mugabo barahindura uko bahora bategurana (caresser) imbere y’uko bashika kw’ibanga ry’abubatse. Umugabo ntiyoguma ashaka kugira uko yahora abigira, kera akiritera akarisama, yohindura.
Nk’uko umugore aba ariwe ashaka ko bagira ibanga ry’abubatse ategerezwa gufasha umugabo wiwe (caresser) mu kumubwira amajambo aryoshe, kumukorakora bukebuke adahinda, amwibutsa ibintu vyabaryoheye muri kahise, gutyo umugabo arateba akagira akariro kenshi, mbere igitsina ciwe, kikarangura neza ayo mabanga, maze bakarangura ibanga ry’abubatse nk’uko vyahora.
Impanuro za Pamela Stephenson Connolly muzisanga mu kinyamakuru www.theguardian.com mu ruririmi rw’Icongereza.
Cherif Nkeshimana
Messages
18 Ntwarante 2015, 14:36, par RUTAGAYINTABARO FAUSTIN
YOU FOCUS THIS SEX PROBLEM MUCH ON MEN,HOW ABOUT WOMEN? WHAT’S THE REMEDY IN CASE THAT OCCURS ?
4 Ndamukiza 2015, 18:52, par habimana Anicet
Je nibazako umugabo amaze gusaza numugore aba akuze kandi turaziko abagore basaza kare.nibaza reroko hamwe vyokwanka goseko umugabo yahita abivamwo guko igihe aba yarabikoze kiba kimaze.
3 Ruheshi 2015, 00:37, par Dieudone
None Mwodufashiki Ku
17 Ruheshi 2015, 13:12, par nitwa cypriem
je novuga ko bobiyaga kuko umugaba yaramazegukura
18 Ruheshi 2015, 19:17, par JEWE ANDONGORA NEZA CANE.
KIYO
16 Mukakaro 2015, 15:09, par NGENDAKUMANA Meshack
NAFIKILI YA KWAMBA MWANA MUKE HUZEEKA MAPEMA KULIKO MWANA UME JE INAWEZEKANAJE MUKE AHENDEREYE KUA NA HAMU KULIKO MUME?
19 Mukakaro 2015, 20:44, par Harimpamvu
Mbe ntakind bishobora kuvako atar ubusaza
19 Mukakaro 2015, 21:03, par Harimpamvu
Mbe ntakind bishobora kuvako atar ubusaza
20 Mukakaro 2015, 22:14, par ANTOINE
ANTOINE JEWE BIRANGORA KURANGURA AMABANGA YABUBATSE NDABIKORA NKARIMWE MUNDWIZIBIRI.MWOMPANURA IKI?
1er Myandagaro 2015, 10:06, par Jonas M.Butarangira gisuru Ruyigi.
Jewe nagira mbaze uku,none nkabagabo bishika igihimba cirondoka cashatse kurangura amabanga, mugabo akumva wewe atavyo ashaka kurangura akumva afise ubunebwe kandi mugihe ariko ararangura amabanga ashizeyo imbuto atoshobora kubandanya kubera igihimba ciwe gica gifatwa nubugengeri,ariko inzanyi itaguye akibikeneye., None biva kuki? Canke mwafasha iki umuntu nkuyo? Muzoba mukoze.
24 Myandagaro 2015, 20:05, par adrien
hari igihe umugabo yumva igitsina ciwe gishatse kurangura amabanga yabubatse (erection) atavyiyumviriy bigashika uko,bivakuki?niryari umugore atashobora kunezereza umugabo wiwe igihe barangura amabanga yabubats?
10 Nyakanga 2015, 00:19, par BIGIRUMWAMI Onesphore
Nne nkimugihe vyanse ukirumu jeune wocufata iyo miti canke harabavuga koharubwoko bwa prudence butuma umuntu agira akariro kenshi nivyo?
5 Gitugutu 2015, 19:23, par Niyibizi
None Uguma Uhuza Ibitsina Numugore Aruwawe Misiyose Ntacovyica? Rp
20 Gitugutu 2015, 17:13, par Jeredie n-muk d’or
nubwo nsomye binobintu ntanyishu mumpaye itomoye!ingorane nfise niyi:jew iyo ngomba kugira imibonano mpuza bitsina ndaronka akariro nkaca nsesa inyege ntaragira imibonano mpuza bitsina!naho notora akariro inyege ziza ntarahuza ibitsina.none mumfashije iki?kugira mere nkabandi bahungu?mfise imyaka 25ndabiheruka mfise imyaka10 murumva ko napfuye ntimwabimenya mfashe muzobamukoze!!
1er Munyonyo 2015, 16:37, par Irakoze Olivier
je ndi umuhungu aronka umuriro naningoga mugabo ndungika mumwanya muto nko muminota 3. none niko meze canke n’ingorane mfise mu mubiri?
3 Kigarama 2015, 21:55, par Jean Marie
Bivakuki Iyo Umuhungu Arangura Amabanga Mpuza Bitsina Ntarungike Imbuto Ariko Iyo Ariko Arota Abikora Azirungika?
21 Kigarama 2015, 23:00, par Kaneza Nachou
nn konumv ng umugab n’umugr bahumuy ng nih habe hagez kobryoherw nn nivy?
4 Nzero 2016, 22:52, par Samson
Nuko Botahurana Bagahariranira.
29 Nzero 2016, 11:19, par Charles Ndikumana
Jewe nashaka kubaza kuko,imibonano ndayikora neza.Ariko rero imbuto zinyaruka kuza kandi nkibishaka.Kandi kugira kugira akariro gasubire kuza,bifata amasaha.None mwomfasha iki?
29 Ruhuhuma 2016, 14:42, par Igirukwishaka Adolphe
turakenguruka kuvyo mudushikiriza
4 Ntwarante 2016, 06:09, par Anatole
Iyo Umuhungu Bidakunda Ko Arangura Amabanga Yabubatse Nikuberiki?Nimudu Inyishu?Abagwaye Iki?
6 Ntwarante 2016, 23:45, par Bazikwinshi Donatien
None Kobavuga Ko Kudashukwa Bitumwa Nukuba Umuntu Afis Intanga Nke,hari Abafis Nyishi Na Nke?
22 Ntwarante 2016, 14:34, par Nsabimana
Jew Nikibazo Mfise None Ko Bakaresa Mugitsina Birya Bisemboriziki? Mbehoho Kumukobwa Arira Hamwehamwe Ese Arababara?
31 Ntwarante 2016, 08:07, par Pontien BCM
None Birakenewe Ko Iryamiti Abagabo Bayifata?Ikindi Naco Mugihe Umugabo Amara Umwanya Muto Mukurangura Amabanga Yabubatse Vyogenda Gute Kugira Bikunde Amare Umwanya Munini Ataragira "ejaculation"?Nipfuza Inyishu
23 Rusama 2016, 09:16, par fulgence
jewe mumfashe mfise ingorane iyo ngomba kurangura amabanga yabubatse intanga zica ziza bikaca vyanka biva kuki?
4 Ruheshi 2016, 19:57, par Juvinal
Akabazo ,none mugihe ugire amabanga Yabubatse.Mugihe Tubanje Kunigana .Canke ngize caresse Akanka Ica igwa.None Bivakuki Nokoriki
7 Ruheshi 2016, 21:08, par NAH THARCISSE
JEWE NDABISHAKA NINGOGA ARIKO EJACULATION IBA NINGOGA KANDI AKAYABAGU NKIGAFISE! NIKUKI?
20 Ruheshi 2016, 22:25, par nirera justin
niyumvirako umugaboamaze kwi yumvako amazegusaza yokwihuta kubibwira umugore wiwe kugir abimenye hakirikare
25 Ruheshi 2016, 07:44, par Lévis
None Abagabo Nibo Basaza Bakabura Akariro Kuruta Abagore
30 Ruheshi 2016, 11:05, par Siyomvo
None waramaze gusaza wobigira ushakik?
18 Mukakaro 2016, 21:34, par Tharzan,up.
non,harya umuhungu canke umugabo,harya imbuto ziw zije ubwambere,hama inzanyi yiwe igaca igwa igata inguvu hamwe adasubira kwenda muruwomwanya,vyoba biva kuki?umuti wavyo nuwuhe?
18 Mukakaro 2016, 21:39, par Tharzan,up.
murakoze ariko inyishu ndayirindiriye,mitubwire neza icotwokora kugira inzanyi zacu zireke guta inguvu.mrc.
23 Mukakaro 2016, 14:46, par Niyonkuru Epitace
Bokwihanganiranira Bishitse Umugabo Akaba Afise Izongorane Zogutebakuranguraamabaangayabubatse.
23 Mukakaro 2016, 15:06, par NIYONKURU EPITACE
JEWEMTMEASHE KUKONDUMUSORE.NKIYONDIKONDAGANIRA NINKUMI ICA NSHUKWA NINGOGA NKACANSHAKAKUBIKORANINGOGA.ARIKOIYONDAVYIYUMVIRIYEMWIJORORYAMYEHAKACAHAZAIBUTO .NONENIKUK?
28 Mukakaro 2016, 21:58, par sindayikengera Benjamib
Jewe ndateba guheza inama mwobwira nihihe?
28 Mukakaro 2016, 22:15, par sindayikengera
turashima kumanuro munduha
29 Mukakaro 2016, 15:40, par barutwanayo joël
harabavuga ko umugabo ashobora kunanirwa kurangura amabanga y’abubatse iyo agwaye amapfyigo.vyobarivyo ?
29 Mukakaro 2016, 22:04, par nitwa iranzi fideli
Murabantubabagabo Cane Nimukomerezaho Kuduhimpanuro Turi Muringozi
30 Mukakaro 2016, 10:45, par Jamari
Ndashima.Impanuro.Muduha.Najenkirimuto.Biranyigisha.Murakoze.
30 Mukakaro 2016, 16:41, par MANIRAKIZA FRANCK
none umenyagut ko umukobwa afise amazi?kugira uwudafise amazi umuntuntamutwarekuko aca ababara
1er Myandagaro 2016, 07:50, par MINANI
ni ibiki umunt yofungura kugra amabang mpuzabitsina abandany agenda neza mubuto ndetse no muzabukur?
12 Myandagaro 2016, 01:32, par elvis drona ndaho
turabashimiye kumpanturo muduha murakoze
30 Myandagaro 2016, 22:39, par Desire Ndikuriyo
Nukuri Turakengurutse Impanuro Zanyu.
4 Nyakanga 2016, 15:27, par Jean Gonzague
Ivyo mutubwira nivyo kandi ni vyiza cane,mfise ibibazo2 nagira mbabaze kuri iyi info:
ni kuva kuyihe myaka igitsina cyumugabo gitangura kugabanura akariro?
ni iki umugabo yakora(mu funguro,inyobwa,...) mubusaza bwe cyafasha kongereza akariro kigitsina cye?
turabakunda cyane,murakoze.
9 Nyakanga 2016, 23:12, par nshimirimana jean-claude
ico mbona nuko atari abasaza gusa bishikira nabakiri bato birabashikira ahubwo mwotubwira imiti ivura ivyo kuko nzi benshi mukuja kurangusa iryo banga babanza kunywa ikinin citwa furaha naco kikaba gikora umusi unwe gusa
28 Nyakanga 2016, 10:40, par Havyarimana Revis
None Iyo Vyanka Ukiri Muto Kandi Umugora Yabishaka Umuntuyobigenza Gute?
1er Gitugutu 2016, 22:04, par Rukundo Constantin
Nivyukuri birakunda ko abasaza bibagora gukora amabanga yabubatse,none kubakiri bato vyanka gute ko bobo baba bakibishoboye kubiro?Mbega kunywa umuti harico bihindura hama umuntu agakora ayomabanga atangorane?
14 Gitugutu 2016, 07:57, par ntakirutimana melance
murakoze none umukobwa iyatagira umuriro mugitsina ce yokoriki?
20 Gitugutu 2016, 05:25, par John Claudi Bekery
none umugobo haragera igihe adashukwa bubera ubusaza canke nta bagore bariho badashukwa?canke bariko borabigira bataryohegwa?
23 Gitugutu 2016, 06:01, par OMMY LOVE
UMUGOR ARASHABORA GUSHAVUZW NUK UMUGAB ARAY ATABIKOZ ATAMISI 2 IHEZ BAHRUKA KUBIKORA? HARIH IMISI ITEGEKANIJW KURANGUR AMABANG YABUBATS MUNDWI?
23 Gitugutu 2016, 06:09, par OMMY-LOVE
NIGIKI UMUHUNGU YOKORA MUGIH UWO MUHUNGU AKIRI MUTO ASHUTSWE IMBORO ICA IGWA ( ITAMARA UMWANYA ISHUTSWE?) MERCI
25 Gitugutu 2016, 09:11, par Ngendabanyikwa Germain
Jewe Mfise Umugore Iyo Hageze Kurangura Amabanga Y Abubatse Ahita Angoboza Iyo Imboto Zimugiyemwo.None Mwomfasha Iki?
30 Gitugutu 2016, 20:12, par BUKURU Elysé
Non Twobinz Ntubony Bitugoy Non Umusor Wew Ntivyomushikir?
2 Munyonyo 2016, 21:51, par Bayubahe Obed
Vyobabiva Kuki Iyo Ugombakurangura Amabanga Mpuza Bitsina Bicabishika Intanga Zikagutanga Gusohoka Utaranashirayo?
2 Kigarama 2016, 18:48, par VIANNE
nashaka kubaba non nikuki haro ubigira ugasanga ugize umwanya muto bivakuku
15 Kigarama 2016, 06:33, par Kwizerimana Samuel
None Ibinini Vyo Gutuma Umuntu Akora Imibonano Muza Bitsina Umwanya Muremure Ntangorane Bitera
10 Nzero 2017, 00:18, par Ejide
Mugihe Umize Ivyo Binini Ukaca Yanka Ntangorane Bitera.
30 Nzero 2017, 22:21, par Gerard
Nashaka Ndababaze Harya Ubigir Ukabigira Akanya Gato Biva Guki? Aka Niko Kabazo Fise
10 Ruhuhuma 2017, 20:58, par Ndikumana Cassien
None Jewe Mfise Ikibazo Mfise Imyaka25 Ariko Sinshukwaneza None Vyobabivakuki??Mwomfasha Umuti
14 Ruhuhuma 2017, 08:33, par Claver
Noe Ivyobinini Ubifata Igihe Cose Ushatse Kuranguramabanga,mbentangarukambi Igirakubuzima Bwumunt?
26 Ntwarante 2017, 12:18, par HAKIZIMANA Salvator
IYO BISHITS UGAFATA IYO MITI ITUMA UMARA UMWANYA MURERE,HAMA UKABURA UWO MURANGURA AYO MABANGA HAMWE,NTANGORANE BITERA?
3 Ndamukiza 2017, 09:46, par Niyonkuru Jeanmari
Bagabo Nimwirind Guca Inyuma Yabo Mwukanye Ndababaz Mwabagabomwe? Urukund Nik?Nugucana Inyuma ?Ehee! Muragab Kuk Gucana Inyuma Bikweg Ingorane Murugo Kwandura Igwara Zica Mumibono Mpuzabitsina Aha Muragab Kuk Murahazwe Bagab Mufise Inges Nkizo
14 Ndamukiza 2017, 20:29, par jean claude ntibarikure
ariko namwe muri ibijuju,hariho carrer zaba saza?
14 Ndamukiza 2017, 20:30, par jean claude ntibarikure
ariko namwe muri ibijuju,hariho carresser zaba saza?
19 Ndamukiza 2017, 12:17, par BIGIRI ANNODI
NONE NKAJEWE MFISE IMWAKA 28 ARIKO NTANGUYE KURANGURA AMABANGA YABUBATSE SINDENZA AMASEGONDA 60 MWOMFASHA IKI?
23 Ndamukiza 2017, 04:09, par Ignace
Murakoze Cane Kubwanje Nahora Nibaza Ko Uko Umuntu Akirimuto Arangura Amabanga Yabubatse Ko Bimera Cokimwe Naho Aba Ari Mubusaza Rero Murakoze Cane Kubintandukaniriza !
30 Rusama 2017, 13:14, par GAHUNGU
JESINSHAJ ARIKO SINSHUKWA NINGOGA
3 Mukakaro 2017, 15:31, par Diyo
egom barikumwe umugabo yomubwira uko ameze kugirango umugore ntiyikekeko umugabo ko ataj muband,
17 Mukakaro 2017, 11:59, par desire nshimirimana
ico mbona nuko botahurana bakamenya ko urukundo ari babiri
28 Mukakaro 2017, 07:59, par Kwizera Egide Royi
mbe Nkiyo umuhungu N Umukobwa Bakiri Bato Bagomvyo Kugira Imibonano Mpuza Bitsina Bariko Barategurana(caresse) Umuhungu Akumva Ko Yashushe Sawasawa Yabwira Umukobwa Yuko Aremvye Nubushuhe( Ubushukwe) Umukobwa Akamubwira Yuko Wewe Adashutswe. Mwicogih Haba Habayiki? Hoho Nizihe Mpanuro Zotangwa Kubameze Batyo?
31 Gitugutu 2018, 05:53, par Niyonzima oscar
Non entumuntu asizeyoigitsinaciwemumasegonde zigacazizanawemwomufashiki ?