IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Abubakanye bitazwi n’amategeko bagiye gufatirwa ingingo n’abajejwe (...)

Abubakanye bitazwi n’amategeko bagiye gufatirwa ingingo n’abajejwe intwaro

jeudi 20 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, yamenyesheje ko iyo ngingo y’umugabo yubakana n’umugore umwe gusa iraba n’abo mw’idini rya isiramu bavuga ko igitabu c’ikorowani kibemerera kwubakana n’abagore barenga umwe.

Cheikh Haruna Nkunduwiga wo muryango w’abayisiramu mu Burundi (COMIBU : Communauté Islamique du Burundi) avuga ko iyo ngingo ihohotera abari muri iryo dini kubera igitabu ca Korowani bakuramwo ijambo ry’Imana kibemerera kubana n’umugore arenga umwe. Ku bwiwe, iyo ngingo izogorana kuja mu ngiro kuko n’itegeko rigenga ingo n’imiryango ridatomora igitigiri c’abagore umugabo yokwubakana nabo.

Abemerera ivyanditswe mu gitabu c’ikorowani (Coran) bavuga ko ata muntu n’umwe canke itegeko na rimwe ryari rikwiye kuvuguruza ivyashikirijwe n’intumwa y’Imana Mohamed.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yategetse ko gushika kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2017, ingo zose mu Burundi zoba zubatswe biciye mu mategeko. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bumenyesha ko igikorwa casabwe naba Buramatari bose co gutegura urutonde rw’ingo zose z’Abarundi zubatswe bidaciye mu mategeko kizohera kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017.

Mu kiganiro c’abavugizi cabaye mu kwezi kwa gatandatu mu ntara ya Cankuzo, Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko inyuma y’iryo sansuma ry’ingo zubatse bitazwi n’amategeko, igikorwa kizoba gisigaye ari ic’ukwiyandikisha imbere y’amategeko (Etat Civil), abagabo bose bafise abagore barenga umwe bagasabwa ko gushika kuwa 31 Kigarama 2017 boba bahejeje kwandikisha umugore umwe imbere y’amategeko.

Umugabo wese afise abagore barenga umwe asabwa guhitamwo umwe yandikishwa mu mategeko (Etat Civil) nk’uko amategeko y’Uburundi ajejwe ingo n’imiryango abisaba. Ku kibazo c’uwo umugabo yohitamwo, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bagira bati :

"Twebwe twarahanuye ko vyoba vyiza uwo mugabo ahisemwo umugore mukuru batanguye kubana, ariko afise uburenganzira bw’ugutora uwo yumva akunda gusumba uwundi."

Ku kibazo c’abagore bazoba batahiswemwo, mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavuga ko abana bavyaranye n’uwo mugabo bazoguma bakingiwe n’amategeko, ariko bakavuga ko uwo mugore atandikishijwe atazoba akingiwe n’amategeko.

"Abo bana barandikishwa mu mategeko, kuko ni ab’uwo mugabo, kandi ategerezwa kubakurikirana kuko ni abiwe."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ego uburundi muragow ubwo nubuken bwibiryo cank? Hano kwis Imana yadusizeho dufashanye .nn muvuzeko umugor wakabiri muzomufata bubi wumva UBURUNDI tutagiy gupfa ? Ikibazo mbega abo bagore bagiy kuba abande konz ara Barundi ? Murakz

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.