IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Impanuro ku bakobwa canke abagore bakama amazi yo mu gitsina mu gihe (...)

Impanuro ku bakobwa canke abagore bakama amazi yo mu gitsina mu gihe c’amabanga y’abubatse

jeudi 5 Ntwarante 2015

Abakundana kenshi barahebana canke urukundo rukagabanuka bivuye ku kintu cinyegeje hagati y’ibishika mu gihe c’imibonano mpuzabitsina canke kurangura amabanga y’abubatse. Pamela Stephenson Connolly aratanga impanuro ku bakobwa canke abagore bakunda kubura amazi canke agakama mu gihe c’amabanga y’abubatse.

JPEG - 30.4 ko
Pamela Stephenson Connolly

Hari abagore canke abakobwa usanga bafise ingorane zo gukama amazi yo mu gitsina(amavangingo)(Liquide Vaginal)mu gihe c’imibonano mpuzabitsina canke mukurangura amabanga y’abubatse. Ico gihe umukobwa canke umugore aragira ingorane zidasanzwe kuko aca yumva ububabare cane kubera mu gitsina ciwe haba humye. Ababazwan’uko umuhungu canke umugabo wewe aguma ashiramwo inguvu mu kwinjiza igitsina ciwe, umukobwa canke umugore wewe akumva asa n’uwuriko asogotwa imbugita. Kenshi arakomereka mu gitsina bigatuma amera nk’uwuhahamuka. Bimaze kumubako kenshi, umukobwa canke umugore aca atinya kubi kugira imibonano mpuzabitsina canke amabanga yabubatse. Ivyo rero bigatuma urugo rusambuka canke abakundanye bagahebana.

Pamela Stephenson Connolly avuka muri Nouvelle Zelande, yize ibijanye n’inyifato z’abantu (clinical psychologist), atanga impanuro ku bantu bafise izo ngorane.

JPEG - 66 ko
Abakundana bategerezwa gutegurana imbere yo gukora amabanga y’abubatse

Uwo muhinga avuga ko ivyo bishika kenshi iyo umugore ariko arakura naho bishika rimwe no kubakiri bato. Ico gihe umukobwa canke umugore agira agire imibonano mpuzabitsina canke amabanga yabubatse, yobanza kuvugana n’uwo bagire babikorane. Uwo mukobwa canke umugore yobwira uwo muhungu canke umugabo ko yumva atamazi afise kuko arashobora kuvyumva. Aca amusaba ko bofata umwanya munini bakina bakorakora(longue caresse). Umukobwa ashobora kubwira umuhungu aho yomukora hamuryohera canke akahamwerekesha ukuboko. Maze yumvise yanyuzwe na "caresse" akamureka akinjira.

Ku bwa clinical psychologist, umukobwa canke umugore ntiyokwemera ko umuhungu canke umugabo yokwinjira mu gihe ata mazi afise mu gitsina. Birababaza kandi n’umuhungu ntaryoherwa kiretse gusa ko abashaka kwitezura.

Arangiza ahanura abakobwa n’abagore kuvuga n’uwo bagira bakorane imibonano mpuzabitsina canke amabanga yabubatse mu gihe hari ikibazo iki canke kiriya. Mwirinde guhishanya aho mugwaye.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.