Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagendesha imiduga ntibashimishijwe n’ingingo yafashwe n’igisagara ca (...)
Abagendesha imiduga ntibashimishijwe n’ingingo yafashwe n’igisagara ca Bujumbura
mercredi 2 Munyonyo 2016, par
Nk’uko biri mw’itegeko ritunganya gushasha ibituro vyo mu gisagara ryashizweko umukono n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa, kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya mbere Munyonyo 2016, ibituro vy’imodoka hamwe n’ibindi vyose vyunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura vyatanguye kurihirwa amafaranga ari hagati y’ibihumbi bibiri n’ibihumbi ijana.
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura asigura ko iyo ngingo iraba imodoka zose zaba nini nini zitwara imizigo iremereye, izunguruza abantu ku mahera canke izisanzwe, utumodoka tw’amapine atatu bita Tuk Tuk, amapikipiki hamwe n’amakinga.

Amafaranga azorihisha arasumbasumbana bivanye n’imodoka. Imodoka zunguruza zitwara abantu n’ibintu, zizoriha amafaranga ari hagati y’ibihumbi ijana n’ibihumbi bibiri. Abafise imiduga atari iyo kwunguruza abantu nabo bazoriha amafaranga 300 kw’isaha bazoba bamaze muri "Parking".
Abanyagihugu bagendesha imiduga yo kwunguruza abantu bamenyesha ko iyo ngingo ari iyibandanya kubashira mu bukene basanzwe barimwo.
IGIHE
Messages
2 Munyonyo 2016, 08:27, par IREMA
IYONGINGO NYAKUBAHWA YAFASHE NINZIZA KUKO UMUDANDAJI ATEGEREZWA GUTANGA TAGISI KUVYO ADANDAJE.
2 Munyonyo 2016, 09:24, par tari
Nama mbona abagenda amakinga aribo Bari mwibarabara gufasha reta mumigumuko Ngo yo kwiyamiriza ONU Na icc nirungikwa ryenteko zoza kubungabunga umutekano wacu sinarinzi ko nabo reta yo baka amahera ariko ngirabo iyongingo bayakiriye neza
2 Munyonyo 2016, 12:28, par c’est logique
Uzi ko burya abarundi mwiberaga muri paradizo, ibyo mu Rwanda bimaze imyaka myinshi cyane!
2 Munyonyo 2016, 13:20, par TONY
Abarundi benshi bajyaga baseka u Rwanda ngo n’itongo rirasoreshwa...,mutegereze murebe n’ibindi bizaza.Nibyo twita kwigira.Icyo nkundira u Rwanda ni ukureba kure abandi bakaza bakurikira batwigiraho.
2 Munyonyo 2016, 15:52, par karim
ivyo ni sawa nahano mu Rwanda niko bimeze, kandi numvishe abarundi benshi ngo murashaka kumera uko urwanda rumeze. iyo n’intango mwitegure n’ibindi.
2 Munyonyo 2016, 18:27, par sinzumusi
ayomaking azarihishwa bibiri 2000fb nayunguruza abantu canke nayariyo yose
2 Munyonyo 2016, 18:48, par Ntizihabose
This is to development city pls don’t complain ubout to pay anywhere in city there development the paying the parking
2 Munyonyo 2016, 18:52
Nukuri Nkuko Bisanzwe Iyo Ngingo Ntago Umuntu Yoyisabirako Ubukene Nibwishi Abantu Ntibacunguruza Ivyo Vyokorwa Mugihe Amafaraanga Aboneka!Imodoka Uyitwaye Kwi Parking Uyikura Kuri Parking Uyitahana Muhira!Ayo Fr Yokuriha Woyakura He?Nimurisubiremwo!
2 Munyonyo 2016, 20:39, par ERIC
NDUMIWE
3 Munyonyo 2016, 01:41, par Frank
Jewe biraheba bikanyobera. Ntagihugu nakimwe kitarihisha parking mubisagara biinini nabito. Australia ho harinaho ushobora kuriha kandi arimbere yumuryango. Ayomahera baciye nimake caaane rwose. Nuko gushima abarundi twavyibagiye nayubundi twategerezwa gushima kuko baturihisjije nkabakene nyene.
4 Munyonyo 2016, 06:50, par alia
haaaaahaaa tari aba tax vello sibo barundi abeshi suko bagenda ngo nuko bashigikiye aba dd abagenda kugitsure nibobeshi ivyo birazwi ariko niba reta igeze aho itoza ikori umunyonzi wikinga ico nicerekanako reta yarengewe nubukene ikibabaje nuko ayo biba atabura
4 Munyonyo 2016, 17:08, par Sarvator
Nibemere,ingingo,yafashwe,ibayafashwe,nibubahe
4 Munyonyo 2016, 19:53, par Egide
Nibukeke Ayomahera Ntavuna.Kugira Ibindi Bitungane
4 Munyonyo 2016, 19:53, par Egide
Nibukeke Ayomahera Ntavuna.Kugira Ibindi Barabe Ingene Vyoja Muburyo
5 Munyonyo 2016, 14:43, par Iddy,alli
Dukwiye,gusenga,imana
5 Munyonyo 2016, 14:45, par Iddy,alli
Dukwiye,gusenga,imana