Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize Reta basabwa kumenyesha ivyegera vy’umukuru w’igihugu ingendo bagira (...)
Abagize Reta basabwa kumenyesha ivyegera vy’umukuru w’igihugu ingendo bagira hagati mu gihugu
jeudi 4 janvier 2018
Muri iryo tegeko no 120/121/VP1/VP2/01/2017 ryateweko umukono kw’igenekerezo rya 28 Kigarama 2017, abagize Reta y’Uburundi basabwa kumenyesha icegera c’umukuru w’igihugu begukira, naho rwoba atari urugendo rw’akazi.
Muri iryo tegeko, ivyegera vy’umukuru w’igihugu bimenyesha ko urupapuro rwerekana akazi uwugize Reta mu gihugu hagati agiyemwo, rutegerezwa kuba rwerekana urutonde rw’ibikorwa akorera mu rugendo agiyemwo, imvo, akarusho urwo rugendo ruzana, ikibanza urwo rugendo rwabereyemwo hamwo n’abagiye muri ivyo bikorwa.
Iryo tegeko rikamenyesha kandi ko, mu gihe abagiye mu rugendo rw’akazi ari umurwi munini, urupapuro rwerekana urugendo rw’akazi bagiyemwo, rutegerezwa kuba ruriko uwurongoye uwo murwi.
MUGISHA Van Naris
Messages
5 janvier 2018, 06:20, par karinda evariste
Andika hano
nivyiza kuba abagize reta boza baramesha aho bagiye jewe nkumwenegihugu ndabikengurutse
9 janvier 2018, 16:16, par victoire
ibikorwa biriko biraguka présida ntiyobishira mungiro vyose