Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize Reta nshasha barahiye imbere y’umukuru w’igihugu
Abagize Reta nshasha barahiye imbere y’umukuru w’igihugu
mardi 24 avril 2018
Afashe ibendera ry’igihugu hamwe n’iriranga amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi, umushikiranganji wese yarahira agira ati : « Jewe ndahiye imbere y’umukuru w’igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka, ko ntazotirimuka ku masezerano y’Ubumwe bw’abarundi, ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko. Nzokoresha inguvu zanje zose mu gukingira inyungu z’igihugu, ntezimbere ubumwe n’ukubana neza hagati y’abarundi, amahoro n’ubutungane mu mabanga nshinzwe. Niyemeje kurwanya ivyiyumviro n’ibikorwa vy’ihonyabwoko n’ikumirwa, kandi nteze imbere nongere nkingire amateka n’ubwigenge y’umuntu n’umunyagihugu. »
Uwarahiye ubwa mbere n’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu, akurikirwa n’uwo umutekano, uwo kwivuna abansi, uwo ubutungane, imigenderanire, uwujejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko, uwo intwaro ibereye, uwo agateka ka zina muntu, uwo kwegerza abategeti abanyagihugu,uw’abakozi n’akazi, uw’indero, uw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, uw’amagara y’abantu, uwo uburimyi n’ubworozi n’ibidukikije, uwo ubutare n’agataka, uw’ibikorwa vya Reta, uwo ubudandaji, uwo urwaruka, uwo gutumatumanako amakuru n’ibinyamakuru hamwe n’uwo imico kama n’inkino.

Ibirori vy’arangijwe no gufata ifoto y’abagize Reta Nshasha, bari kumwe n’umukuru w’igihugu n’ivyegera vyiwe bibiri.

Abandi barahiye ni HABONIMANA Josiane hamwe na SABUWANKA Isaac bagenywe kuba muri sentare idasanzwe ijejwe amatati y’amatongo n’ayandi matungo.




MUGISHA Van Naris
Messages
24 avril 2018, 13:16, par MO SARAH
Viongozi Wetu Tunawapongeza Sana.Mungu Awatangulie Katika Kazi Zenu Mnazotarajia Kufanya .Barikiwa Rais Wetu Mh Pierre Nkurunziza.Amen
24 avril 2018, 19:39, par Niyonzima
Andika hano IMANA ibahe kugira ikiganza tsiza sebarundi nawe IMANA imuhekugumana ubwenge nkubwa saromo ahejejejwe gushigwa ibisatavyose bigize ubuzima bwatsu twebwe abanyagihu natsanetsane mubutungane ahovyibonekeza mumasentare yintango aho urintahonikora uriko uranyagwa ntiwigera utsinda mpaka wuguruje nagira shimire abatsamanza bokuntara imuyigo nukuri bariyambitse umutaman ahobanahonikora bagerabatanu bose bagarurije utwabo sentare yintango yemeje kobatsizwe tubiteze kwineza kubarundi twese
24 avril 2018, 22:21, par Sifa
Imana,izibazigame Uhereye Kuri Nyakubahwa, Petero Nkurunziza.
N’umuderevamwiza Azikurera,yihangana Imana,izigame Uburundi.
25 avril 2018, 21:25, par Dumbuli
Iyi team niyo itwaye Abarundi, aho muzoshikana igihugu muzobibazwa byose umudereva wanyu Nkurunziza muzomubere abakozi benshi muzokore neza, Sebarundi agire amagara meza arambye ntimuzorebe ku nda zanyu gusa