Abagize Reta y’Uburundi batanguye umwiherero i Gitega

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 28 Myandagaro 2017 saa 04:13
Yasomwe : 20952
0 0

Abagize Reta y’Uburundi batanguye kuva kuri uwu wa mbere umwiherero uriko ubera mu ntara ya Gitega urongowe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Muri uwo mwiherero uzomara iminsi ibiri, hatumiwe kandi n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bwose bwa Reta y’Uburundi.

Jean Claude KARERWA, umuvugizi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi amenyesha ko uwo mwiherero watunganijwe mu ntumbero y’ukurabira hamwe aho abagize Reta bagejeje ivyo bari biyemeje mu myiherero yaheruka, mu bijanye n’intwaro ibereye.

Uwo mwiherero utunganijwe mu gihe umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko ivyo umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yari yiyemeje mu mwaka 2010 ko atazokwihanganira abarya igiturire atabishitseko. Inyuma y’imyaka indwi umukuru w’igihugu atangaje umugambi wa "Tolérance Zéro a la Corruption", mw’ishirahamwe PARCEM bavuga ahubwo ko igiturire camaze kuba nk’umugenzo mu Burundi hamwe no mu nzego za Reta.

Mu kiganiro yaheruka gutanga ku bamenyeshamakuru, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yari yasavye ko Reta y’Uburundi yohaguruka ikarwanya ico giturire muri PARCEM bavuga ko ciziziye bamwe mu bategetsi bakomeye ba Reta y’Uburundi.


Kumenyekanisha

1
HG 29-08-2017 à 12:54

Nta kizima kizavamo rwose, bashatse babyihorera ubwo c nkurumbi yabamarira iki? amacakubiri, ironda koko nirondakarere nibyo yimitse none ngo umwiherero, sha puuuu njye ntakizima mbitezemo rwwose ahubwo arahava abica!!!

2
nephtalie 29-08-2017 à 11:25

Tubipfurije umwiherero mwiza ndongozi z’Uburundi.Mukomeze guteza imbere igihugu kandi ibitari bike muramaze kubirangura nico abanyagihugu twabatoreye.Imana ibongere ubwenge nkabumwe yaha Salomo bwo gutunganiriza abanyagihugu.

3
Munyembari Agathon 29-08-2017 à 00:01

Ndizeye ko bazokwiga ikibazo ikibazo co gusubiza igihugu kuko muvy’ukuri vyabananiye. Ikibi bazogenda bahitanye abarundi benshi kuko benshi baramaze kubamesa mu mutwe.
Hagowe uwuzokwihenda ngo arahawe kurungora igihugu apres ces gens-là

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha