Abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura batanze intererano y’amatora 2020

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 22 Kigarama 2017 saa 01:41
Yasomwe :
0 0

Abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura bagizwe n’abashingamateka, abakenguzamateka hamwe n’abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura, batanze intererano yo gushigikira amatora yo mu mwaka w’i 2020.

Umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, Doctor Benjamin NDAGIJIMANA amenyesha ko iyo ntererano bayitanze mu ntumbero yo kwitaba akamo katewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ko gushigikira amatora yimirije yo mu 2020.

Dr Benjamin NDAGIJIMANA yavuze ko igikorwa co guterera amatora ari igikorwa c’umurundi wese kugira bashobore kwegeranya ubwabo uburyo n’ibikoresho bikenewe kugira amatora azogenda neza, ata muntu wo hanze arinze gushiramwo ukuboko.

Umunyamabanga w’ukuru w’umugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura yashikirije ko buri muntu mubo bagendanye yatanze intererano yiwe, ariko ko ku giti ciwe, uwo atwara umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura, yatanze amafaranga imiriyoni 2 z’amafaranga y’amarundi (2.000.000 Frbu) kandi ko yabonye n’abandi batanze nkayo eka n’ayasumba ayo.

JPEG - 143.1 ko
Dr Benjamin NDAGIJIMANA ,Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura

Uyo munyabanga mukuru w’umugambwe CNDD FDD mu gisagara ca Bujumbura yagize ati : «Isosoro rigwirira iyo rija

Dr Benjamin NDAGIJIMANA asaba abagumyabanga bose hamwe n’umunyagisagara wese yipfuza ko amatora azogenda neza, gutanga intererano yiwe kugira hazoshike mu mwaka wa 2020 bamaze kuronka intererano yipfuzwa.

JPEG - 159.5 ko
Abagumyabanga bo mu gisagara ca Bujumbura bahejeje guterera amatora ya 2020

Kumenyekanisha

1
Iyumenya 25-12-2017 à 03:44

BUSURAHENDE:Iyo ni publicite bariko bagira. Uca wumva yuko umugambwe wasohoye 2.000.000BIF kugira berekane ko igikorwa co guterera amatora kigenda neza. Iryo segenya ry’abantu bose batanze ayo gusa?
Busurahende wewe nigiki kizoguhimbara?????????????????????????????????????????

2
Busurahende 23-12-2017 à 12:21

Iyo ni publicite bariko bagira. Uca wumva yuko umugambwe wasohoye 2.000.000BIF kugira berekane ko igikorwa co guterera amatora kigenda neza. Iryo segenya ry’abantu bose batanze ayo gusa?

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha