Abahinga ba ONU basavye CPI kwihutira gutanguza amatohoza ku Burundi

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 30 Myandagaro 2017 saa 12:14
Yasomwe : 24381
0 0

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje c’icirwa cakozwe ku gateka ka zina muntu mu Burundi. Muri ico gitabu bavuga ko agateka ka zina muntu kiyongereye, kakaba kifashe neza inyuma y’ivyabaye mu 2015. Ico gitabu cemejwe mu gihe abahinga muvy’agateka ka zina muntu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bimirije gusohora icegeranyo gishasha ku mabi akorwa mu Burundi.

Ico cirwa cemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kivuga ko naho hakiri intambwe Uburundi butaratera mu bijanye n’agateka ka zina muntu, hari ibimaze gukorwa, aho inama nkenguzamateka ikavuga nk’abarundi babandanya guhunguka kubera amahoro ahari mu Burundi. Abakenguzamateka b’Uburundi bakaba basavye abafasha Uburundi ko boha agaciro ivyo Reta y’Uburundi imaze gukora mu bijanye n’ugukomeza agateka ka zina muntu mu Burundi.

Ico cigwa cemejwe mu gihe kuva kw’igenekerezo rya 18 gushika kurya 19 Nyakanga 2017 abahinga ba ONU muvy’agateka ka zina muntu ku Burundi bazoshikiriza icegeranyo c’amatohoza bakoze mu Burundi. Ico cegeranyo kizoshikirizwa mu nama igira iya 36. Muri ico cegeranyo, abahinga ba ONU bavuga ko amabi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu bibandanya gukorwa mu Burundi.

Fatsah Ouguergouz, Umukuru w’uwo murwi w’abahinga ba ONU bakoze amatohoza avuga ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko agateka ka zina muntu kateye imbere mu Burundi. Muri urwo murwi bavuga ahubwo ko amakuru bahawe mu matohoza bakoze avuga ko ivy’agateka ka zina muntu vyasubiriye inyuma bagereranije n’icegeranyo cari casohowe mu kwezi kwa Ruheshi i Genève.

JPEG - 218 ko
Fatsah Ouguergouz, Umukuru w’umurwi w’abahinga ba ONU bakoze amatohoza ku Burundi

Abo bahinga bavuga kandi ko amakuru bahawe n’abahohotewe avuga ko ayo mabi yagirizwa abajewe umutekano, abo mw’igendereza hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD. Abo bahinga basaba Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) ko yokwihutira gutanguza amatohoza ku Burundi.

Tubamenyeshe ko abashikiranganji babiri, uw’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA hamwe n’uw’agateka ka zina muntu Martin NIVYABANDI batumiwe kuri uwu wa gatatu mu nama nshingamateka, kugira bishure ku bibazo vy’abashingamateka ku bijanye n’ubutungane hamwe n’agateka ka zina muntu. Iryo tumirwa ry’abo bashikiranganji rihuriranye n’ihimbazwa kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017, ry’umunsi mpuzamakungu wahariwe kwibuka ababiriwe irengero.


Kumenyekanisha

1
habarugira 1er-09-2017 à 11:24

ariko namwe muratangajeje ne oni kuva aho yavugiye amajambo nireke basi dupfe mwe aba badede mubona boroshe reka amajambo tabara abarundi mwamakungumwe kuko barahonyi nukuri ntakubesha turagomwe.ariko ntaco dusenge bizohe imana iratubona ntabwo yatwibagiye cndd fdd iragahwera sha yatuziyeko kabi

2
kigabo jean marie 31-08-2017 à 09:51

agahuru k’imbwa umenga koba kagiye gushya mbe nkuru uzohungirahe ?

3
Ruzara 30-08-2017 à 13:27

nibaze Barasemerera Nayahandi Turagowe

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha