IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahinga ba ONU basubiriye kwiyamiriza ingingo zafatiwe amwe mu (...)

Abahinga ba ONU basubiriye kwiyamiriza ingingo zafatiwe amwe mu mashirahamwe yigenga

mardi 7 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Umurwi w’abahinga muvy’agateka ka zina muntu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU uriyamiriza ingingo iheruka gufatwa y’ihagarikwa ry’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike. Abo bahinga bavuga ko iyo ngingo ishobora kugira ingaruka kw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Uburundi buheruka gufata ingingo y’uguhagarika amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Kubw’abo bahinga, iyo ngingo nta kindi igamije atari ukubandanya guhungabanya ibikorwa vy’abaharanira agateka ka zina muntu n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, aho hose bakagirizwa ivyaha bidatomoye, canke vyo mu kivunga.

Ayo mashirahamwe yahagaritswe ni : LIGUE ITEKA, Forum pour le renforcement de la société civile (FORSC), Forum pour la conscience et le développement (FOCODE), Action chrétienne pour l’abolition de la torture (ACAT), Association burundaise pour la protection des droits humains et des personnes détenues (APRODH), and Réseau des citoyens probes (RCP). Hamwe n’ayandi yahagaritswe vy’agateganyo : SOS-Torture/Burundi, Coalition de la société civile pour le monitoring électorale (COSOME), Coalition burundaise pour la CPI (CB-CPI), na Union burundaise des journalistes (UBJ).

Abo bahinga bavuga ko iyo ngingo yafashwe yaje kwunyura ivyari bisanzwe bihari, aho abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi batoroherezwa mu bikorwa vyabo, mbere bamwe muribo bakaba barahunze igihugu kubera ugutinyirira ubuzima bwabo, hamwe n’iterabwoba bakozweko. Iyo ngingo y’uguhagarika ayo mashirahamwe ikaba kandi ifise intumbero y’uguhoza amajwi yose avuga ibidashimisha ubutegetsi, nk’uko vyashikirijwe n’abo bahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

JPEG - 176.4 ko
Maina Kiai, umwe muri abo bahinga ba ONU muvy’agateka ka zina muntu

“Ivyegeranyo vyashikirijwe n’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi mu bijanye n’ababuriwe irengero bitegerezwa gukorerwa amatohoza akwiye kandi yigenga. Abazovyagirizwa nabo bakazotegerezwa gushengezwa mu butungane.", uko niko abo bahinga bamenyesheje, bakavuga kandi ko bikwiye ko Reta y’Uburundi yubahiriza ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro, nk’uko biri mu masezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono.

Abo bahinga ba ONU ni Maina Kiai, ajejwe ivy’ubwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro, Michel Forst, ajejwe ivy’abaharanira agateka ka zina muntu, David Kaye, ajewe ivy’ukwishira n’ukwizana mu gushikiriza ivyiyumviro, hamwe Agnès Callamard ajejwe ivy’ubwicanyi ndengerabutungane.


IGIHE

Messages

  • ivyo vyegeranyo mukora mutabajije reta ntaco bizovamwo atari kubandanya muteranya abarundi mumenya abafpuye gute? reta ntihakana ko hariho abafunzwe bagumutse bitewe nayo mashirahamwe nyene none ko iriko bamwe ibarekura mwifuzizik mushaka gukamisha amaraso kugira mushire kubutegetsi abo mushaka nkuko vyabbaye murwanda twarabahinyuye hubwo hanura ayo mashirahamwe akore ivyo ajejwe canke abe imigambwe tubimenye areke kuvuga ngo ntaharanira ivyicaro kandi arivyo vyabatwaye umutima nagira nsabe onu niba ishaka amakuru yukuri nisange reta yemewe muburundi ibereke abafuzwe bose mumabohero kuko harabavvuga ngababo barafpuye bari mubusho rero twsaba ko onu yorungika abandi bahinga bakabona nareta ikabereka abanyororo kumbure onu ikabasabira ikigogwe bagataha tugafataniriza hamwe kubaka igihugu ntaggihugu nakimwe kwisi coreka abantu bakatera akajagari ngo nuburenganzira oya oya amategeko niyaza imbere uyarenze urahanwa ni MANA ntizihanganira abarenze amategeko yayo ni mumuriro rero abo benewacu nibihane bagirirwe ikig

  • Courage ONU, Bandanyiriza ngaho mudufyondera ibinywamaraso vyaba DD

  • Ariko abonabo bizanira imitweyabo bakiyita ngo ni ONU baransetsa namba atarukuntera akagongwe!
    Mwebwe ahotwakababwiriye konyirabayazana ari Ububiligi bwahekuye nanubu bukomeza guhekura uburundi nabarundi ntimwinumiye, komutigeze muza ngomufatikanye nabarundi ngonusorongore murabe abobabirigi kobarengana canke ari ukuri!?
    Mwebwe kuvatubabwiye ivyurwanda nububiliri ivyovyakoreye uburundi mukaba mutigeze muvyicarira ngomugire icomukoze ivyomukoravyose tubibona kwatakuri naguto kurimwo.
    Nayo abarundi bacubobo barahohotewe kugezanaho bagaburirwa ibiyovyabwenge bongera banahabwa ibirwanisho kunguvu mugihe baribazi kobahawe ubuhungiro namwe gihugu murwanda.
    Ikindi twebwe tuzobabaza vyishi kuko birababaje kubona dukomeje kuronka imiryango iringaha Burundi ariko bamwe numuryango yaboyahungiye murwanda iguma ibabarira ngurwaruka twahunganye ngobararutumazeko barutwana muvyagisirikare kunguvu atirero mwebwe mufise ahomuvugira nimutuvuganire.
    None abo ngonabahinga ba ONU bashinzwe uburundi gusa!?

  • Mkampu, koyatumijeko ibindibiganiro vyabarundi, mubemuraraba urwungikane rwamajambo avurwa nabarwanya reta yuburundi.

  • Ivyo ONU yatangaje nivyukuri nivyukuri, ariko ngutangaza atangingo zikomeye mufatira Petero Nkurunziza nikarwi kiwe gafukamye abarundimunda , ivyo nivyubusa kuko ahageze ntagikagwa nugusohora amatangazo yivyo mubona. Icarigisigaye kwaru gukoresha inguvu zidasazwe zogukingira abarundi, nubwo zokora kuribamwe uworokoka akazocirumugani,uzobameze nka Nkurunziza. None karaciyingani musazire mumajambo? mbega burya Nkurunziza afise inguvu zisumba izamakungu kombona yigira surivu? eherero nimuve mumajambo namatangazo yivyo mwaganiriye mumanama yanyu!, mukore ikiboneka, rero iyo muvuga, ahubwo mubamumwongeye inguvu yokwica arabe icomumugira. murakoze nikokanya narindose kogushikiriza ivyonshima nivyongaya kuko ntahandi nobishikiririza, kuko kera twabishikiriza kumaradio none zanyanka Burundi zabamenja, barazituriye ntibagiwe yamashirahamwe mwadondaguye yaturatujwe nizonyanka Burundi buzuwemwo namacakubiri yamoko nimigabwe, nibindi ntiriwe ndadondagura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.