IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU yashizeho umurwi w’itohoza ku Burundi

ONU yashizeho umurwi w’itohoza ku Burundi

jeudi 24 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu yashizeho umurwi w’abantu batatu bagiye gukora amatohoza ku Burundi. Uwo murwi uzotohoza kandi ushikirize amazina y’abagirizwa ubugizi bwa nabi n’ihohoterwa rya kiremwa muntu bikorwa mu Burundi.

Abagize uwo murwi bazobonana n’abategetsi batanduka nye b’Uburundi hamwe n’abegwa bose na poritike y’Uburundi, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, impunzi z’abarundi ziri mu makambi atandukanye, hamwe n’ubuserukizi bw’ubumwe bwa Afrika mu Burundi.

Uwo murwi uzoshikiriza icegeranyo ca mbere c’ivyo washitseko mu nama ya 34 y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU izoba mu kwezi kwa Ntwarante 2016, icegeranyo ca nyuma naco gisohoke muri Ruheshi 2017, mu nama igira iya 35.

Abo bahinga ba ONU bazokora ayo matohoza ni Fatsah Ouguergouz wo muri Algérie, ari nawe azoba arongoye uwo murwi, Reina Alapini Gansu wo muri Bénin, hamwe na Françoise Hampson wo muri Royaume-Uni.

Mu kwezi kw’icenda uwu mwaka w’2016, icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 cerekanye ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.

Abahinga bakoze ico cegeranyo ca ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.

Amakuru ataremezwa n’ubutegetsi bw’i Bujumbura avuga ko hariko harategurwa imyiyerekano kuri uwu wa gatandatu, y’ukwiyamiriza umuzo w’abo bahinga batatu ba ONU barungitswe n’inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo ntabwenge mufise nibagende i mahama aho kagame yigisha inkoho abarundi. mwaradyohewe numukeke wi burundi

  • Barungike Muri Cenaled Bafate Pacif,magy, Almel, Minani, Nibo Baduteye Ano Mahano Yose Yabay Muburundi Nasebuja Wabo Kagame.

  • Haguruka Abarundi Bumutima Izo Njavy Ntizihonyoze Ikirenge Kubutaka Bwacu Ikibazany Kirazwi . <ibikoresho Vyabazungu>

  • We Cakira!jya uvana Kagame muruwo mwanda wanyu Abarundi! utazakubitwa nicyo utazi,shame on you

  • Ni mwihutire kurungika inteko ziza kudutabara kuko iyo mirwi ntibuza ko iyi reta nabambari bayo baguma batumarira kwicumu twebwe abanyagihugu turarushe nagatotezo tuguma tugirirwa tutazi ico tuzira mbe murindiriye kuzoza gutabara atagisigaye mbe ubu naho muzosubira muvuge ko mutari muzi ibiriko biraba rungika izo nteko ivya matohoza bizoza munyuma mwabanje kudutabara kuko Ayo matohoza aba kugira abantu bakire ntaba kugira bapfe

  • wewe mujinga wiyita cakira Kagame wibazako afise umwanya wo guta? yigisha inkoho ku barundi ngo bigende gute? wibazako ashatse kubatera yarinda gukoresha barya batama n abatamakazi b i mahama?? ko aba jeune mwabamaze? ntabwo yakoresha abarundi kuko ntabwoko bw abarundi bubaho mwese muri inda nsa mwashize imbere inda aharikujya ubwenge mwahashize inda.

  • ONU abobantu iriko uravuga twaramaze kubahinyura baza baramaze gutunganya ivyobazo reporta kandi na ONU mengo bababavyumvikanye kuko iyobababatababavyumvikanye bamwebaheruka gusohora icegeranyo kirimwo amajambo yoguha inguvu bamwe bashaka gutamukaga uburundi mumwaka uheze iyo ONU ibayaravuze koyabahanye kubona itabonye muricocegeranyo abagize uruhara muguhamagarira abantu kwugara amabarabara, guturira abantu, guturira amamodoka , kudeta, nayandimabi ONU itabonyemwo amajambo ashitaka abakozivyo yarikwiye kubicarira ikababwira atibinibiki?

  • NTACONOBIVUGAKO GUSA IMANA NIYONKURU NIGIRICOYIKORERA KUKO NIYOMUSHOBORAVYOSE KANDI IRABISHOBOYE

  • eregabwabundi barabonyekomugihuguc uburundirwitaha! noneho nibateshwe bate kukomutamawacuntiyokwemerakobazabaradukirimbirirako. nibagenden ahandi ntihabuz ahobirikobiracika. mbega iyo fidh ivyovyegeranyovy ibinyomabazabaratanga babikurahehe?mbegahoho? iyo ligue iteka ikoreramurwanda ivyoyatohojeyabikuyehehe?cankekobakoreramukinyegero nibasokoroke bazebavugir ahabona. emwe!nibaruhuke kuko ivyobaribateguye twarabibonye.kandi uburundi ,n abarundi,hamwenasebarundi twarasimvy imanga. nibarekerero twigumirekukivi kukon abashakakudusamaza. kandinoneho akon agasuzugurokadasanzwebadusuzugura. ariko bacumuganimukirundibati umwans agucirakobo iman ikagucir akanzu.

  • Nibaze vyihutirwa kuko abanyagihugu turabiteze, nayiyomihimbiri ivugango ntikeneye koboza ngaha muburundi, nukugomba kunyegeza amabi bakoreye abenigihugu ngontamenyekana. Ariko barabesha bizoshirwa hagaragara vyanka bishoboka.

  • Ivyo bivurwa gonukurungika abatohoza ntankurunziza nakarwi kiwe bazokwemera kwabo bahinga binjira, icarigikwiye, hari hakwiye gukoreshwa inguvu gusa ico nico gikwiye.Nayivyo vyokubembereza ntacobimaze kuko nkurunziza petero, numuntu mutoya gose sinzi camakungu amutinyira !sadamu amakungu yaramuhagurukiye unomusi arihe? nabandi nabandi bigira agokomeye nkuwo nkurunziza. Nimba amakungu akundu burundi nahaguruke ninguvu nyishi baruhuke yomotse, cakabiri, nibafatirwibihano vyokutongera gufata indege ngo bagiye hanze, kwijira kwingabo zofata uwomugesera atacoyubaha, biroroshe gose. icombona ntashaka ririmwo nukuvugisha iminwa usa bidashirwa muminwe, cagatatu uburundi ntanguvu bufise zoshobora kuneshesha amakungu.Enda nimuhaguruke natwe dutange inguvu mpaka uwo mwansi wabarundi acishijwe bugufi.

  • TOHOZA IWANYU MUBURUNDI NAMAHO MWARYA RYAMWE MUBUNDI MUHAHIGIKI MUBURA UKO MUHAZA KUKO MWAMAZE KUHAHEMUKA MUKITWAZA NGOMUJE KUMATOHOZA UBWO MURI NIHAKIRI MURASABA INBABAZI UMUKURU WIGIHUGU MWIRIMWANSE CHA AZOBAKOMECHACHA MUZANA IBIGANICHO NONE MUCHAKA GUKUKUNBA MUGIHUGUCIWE RINDIRA BUCE ATWARA UBUMWE BWARFIRA ABAMENECHE IBANGA MWNTUROMWE AKO MUZANDURA MUBURUND MUZOKABONA TOHOZA IWANYU MUBURUNDI MUNAHIKURE MUMUTWE

  • WEWE MORODEKAYI NDTGUSETSE ESENKAWEWE USUKO URAVUGUKO UBWO NTIWARI MURIBAMWE BATURIRA ABANTU MUMAPINE WITEZEKO UZORONKA INEZA KUBANYAMERIKA HORAWIMANITSE ESEWOMENYERA KUVA 72 68 NAHANDI NTAVUZE AMERIKA YAKOZIKI MUZORINDIRA MASO AHE MUNZIRA MORODEKAYE UZEYE AMARAMUKO KUBANYAMERIKA URIGIPFU KANDI WAPFUYE NAKATARACIKA

  • intumbero yabo ngo batwicire umukuru w ’igihugu cacu ariko abarundi turimaso . Hakuna Kulala !

  • Mpayendaraba Namasho Yorwanje Ndabona ko Ayo Matohoza Agomba Gucanishamwo Urwego Rumwe Rwa Bobontu Bagenywe Na Onu

  • vyiza cane, uwo murwi wa ONU turawushigikiye !

  • ABAZUNGU NAHO BAKOMEYE BAKABA BATUNZE IMANA YABAHAYE UBUTUNZI NIYO YADUHAYE IVYODUFI SE NTANUMWE YIGIZE UKWARI UYUMUSI TWARI DUKWIYE JWUBAHANA KUKO TWESE TURI ABANTU BAREMWE N IMANA UWOBIHAKANA NAMPINYUZE ARIKORERO KUVAKERA HOSE IMANA NTIYIGEZE YEMERERA UMUNTU CANKE IKINTU CIGIRIMANA MUGISHINGOCAYO UMWAMI FARAWO YEMEYE YIBONEYOKO NABO BAZUNGU BAZOHEBA ARUKO BABONYE AYO FARAWO YABONYE IMANA NIYO CABONA IFU YIMIJIRA

  • Muburundi Ntabwicanyi Buhari.Mbega Bahohoteye Abarundi Nabarundikazi Kuva 65,72,kugeza 93,aho Abarundi bangajwe nubu bamwe baracari mumahanga uburero turya tukaryama amahoro arinoku vyatsi,nihobaza mbega iyomyakayaheze barie?

  • YEMWEYE! IMIGWI MAZEKUZAMUBURUNDI NIMYISHIARIKO NTITWIGERATWUMVA ICOBASITSEKO EMWE MURABINTAHRIZA!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.