IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abahinga batatu ba ONU ntibarekuriwe kugaruka mu Burundi

Abahinga batatu ba ONU ntibarekuriwe kugaruka mu Burundi

mardi 11 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abahinga batatu bigenga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baheruka mu rugendo mu Burundi, akaba aribo basohoye icegeranyo kivuga ingene agateka ka zina muntu kifashe, bafatiwe ingingo ko batakirekuriwe guhonyoza ikirenge ku butaka bw’Uburundi.

Abo bahinga batakirekuriwe kuza mu Burundi (Persona non grata) ni Sahli Fadel Maya, Christof Heyns, hamwe na Pablo de Grief, akaba aribo bateguye icegeranyo c’agateka ka zina muntu mu Burundi. Reta y’Uburundi yagirije abo bahinga ko batumvirije inzego zitandukanye za Reta, kandi ko n’ivyagirijwe Reta y’Uburundi bidafise ishingiro. Uburundi bwagiriza abo bahinga kandi ko bakoreye kuvyashikirijwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

JPEG - 44.6 ko
Abahinga ba Onu bigenga (uva i bubamfu uja i buryo) Pablo de Greiff, Christof Heyns na Maya Sahli-Fadel bariko barashikiriza icegeranyo ca nyuma i Geneve itariki 27 z’ukwezi kw’icenda mu 2016

Mu kiganiro aheruka guha abamenyeshamakuru, Koen Vervaeke, umuyobozi mukuru ajejwe Afrika mu gisata c’ibikorwa vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, yasiguye ko abo bahinga bahuye n’inzego za Reta mu rugendo bagize mu Burundi, kandi ko bitari gushoboka ko ubumwe bwa Buraya aribwo butanga intumbero y’ivyoshikirizwa muri ico cegeranyo. Nk’uko vyashikirijwe na Koen Vervaeke, muri abo bahinga batatu ba ONU, babiri ni abanyafirika, umwe nawe akaba ari umunyamerika.

Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.

Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bushobora n’ugukurwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga bakoze ico cegeranyo bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, abagirizwa amabi yakozwe bashengezwe.

Abo bahinga ba ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu iheruka kwemeza ingingo ishiraho umurwi w’amatohoza ku Burundi.

Uwo murwi ufise ikiringo c’umwaka umwe kugira uzobe washize ahabona icegeranyo c’ivyo washitseko, mu kwerekana abakora ubugizi bwa nabi mu Burundi, hamwe n’ugushikiriza ivyokorwa kugira abazoba bagirijwe ubwo bugizi bwa nabi babibazwe.


IGIHE

Messages

  • JEWE NIBAZ KWACO BABA BAJE KUDUFASHA

  • Baca umugani mukirundi bati uta inkoko ntuta icibitse ico banditse baranditse ahubwo nimwitegure kuwota sibobabatumye kwica benewanyu

  • Ico n’Ikimenyetso ca nyuma c’itembagara ry’ubutegetsi bwa CNDD FDD

  • Abobahinga Ntakindibashaka Atar’ugucanishamwo Abarundi

  • Abahinga bwabundi ntabakiriho!
    Ngubwicanyi bakozwe na reta!?
    Niyoyaturiye abantu babona?
    Ni reta yaturiye amamodoka namazu yabirenganira!?
    Ni reta yamariye kuma rockets abakozibayo nintwazangabo zokuma Pete yohejuru kumanuka!?
    NGO reta ntiyitaheho guhana abakoze amabi?
    Ntabahinga bakibaho koko reta ntiyasemereye kershi ikanavuga namazina yabagirizwa kugira uruhara mukugandagura abantu atinibafatwe bashikirizwe ubutungane ivyobihugubimwebimwe ntimubizi kwatacomwabibwiye ngomufashe reta yuburundi ahubwo muje kuyishinyagurira muyagiriza ngoniyo yihekuye!!!
    MURANTUNGA REKA MVUGISHE UKURI IY’ISI YAMAZE GUCIKAMWO IBICE BIBIRI UWUNYITA UMUBESHI IBIHE BIZOBIMWEMEZA KANDI 90% NDEMEZA KO ARINTAMBARA MBICANE Y’ISI YA 3 NTANUMWE AFISE UBURENGANZIRA BWOKUBIHAGARIKA UBWAMBERE IBIHUGU VYAHORA BIKOTRORA IBINTI IWAVYO HAGOMBA KUBANZA KUBAMWO AKAJAGARI GAKOMEYE NONEHO BICABITANGURA KWAGIRIZANYA IBINYOMA NKUKO VYARIBIMENYEREYE KUGEREKA IBINYOMA KUBUHUGU BW’AFRICA MAZE ABANYAGIHUGU BABWO SUKURYANA BAKIVAYO’ REKARERO IVYOBIHUGU VYARUTURA NAVYO VYAMBIKANE AMABARA NAVYOBIBONE UKWOBIBABAZA.

  • Abo bahinga ivyabo turabizi. Ko Sadam bamuteye abahinga bavuga ngo afise ibirwanisho ruhonyanganda harivyo mwabonye?Abahinga benabo bakwiye kujanwa imbere yubutungane ntaho bataniye n’abicanyi.

  • Abakuru bomuburundi nimube mwemera akabi mukora mureke gutuka abavuzukuri.Mbe muzogeza ryari kwigira intama muramabingira Imana irababona!!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.