Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB u Burundi
Abahinga mu mutekano wa Afrika y’ubuseruko bakoraniye i Bujumbura
Yanditswe taliki ya 24-10-2016 - isaha 13:17' na IGIHE

Inama igira iya 21 y’abakurikirana ikibazo c’umutekano mu karere Uburundi buherereyemwo yatanguye kuva kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Bujumbura. Ikibazo c’umutekano muri rusangi nico kizoshirwa imbere muri iyo nama, nk’uko vyemezwa na General KABISA Domitien, atwara ingabo zijejwe gutabara muri Afrika y’ubuseruko.

Uwo atwara ingabo zijejwe gutabara muri Afrika y’ubuseruko amenyesha ko uwo murwi w’ingabo zijejwe gutabara wamaze gushirwaho, ubisabwe n’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

General KABISA Domitien ashikiriza ko ingabo ziriho, zigashobora guhaguruka mu gihe abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko batanze itegeko, umuryango wa Afrika y’ubuseruko ubisavye, canke bisabwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ibihugu bikoraniye muri iyo nama iriko ibera i Bujumbura, ikazohera kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 28 Gitugutu 2016 ni Uburundi, Uganda, Rwanda, Kenya, Ethiopie, Djibouti, Somalie, Sudani, Seychelles hamwe na Repuburika y’ubumwe bwa Comores.

Ivyiyumviro vyanyu

mwemere mukorukomushoboye mugarur umutekano iburundi twojyere twojyere tujyende iburund

28.10.2016 à 21:21
eric

Nahurwand ruri mwiyonam rurabujij amahor uburundi.nikih gihug comuribun burer butaragirirnir conflit nurwand ?ibuk tanzania RDC,BRNDI urwand tururek rutwifatir mugahang ?turoba mesa

27.10.2016 à 08:05
Ruvahonyn

RDF igenda hose ntacyo yikanga kd iyo nama izagira icyo ikora gikomeye cyane.

27.10.2016 à 02:12
turaje

Jenarababwiye,murekurwanda,rujekukivinamwemukomezekuryana,komufiseivyemezonikikibuzekugirangokagamemumusengeze ? Hanomuburundi,uwuguhaye,ibihumbicumikugirangowice,uwobatavugarumwe,ntuyareka,mugihetugikenye,nibishomerivyinshi,ntamutekanotuzobona,

26.10.2016 à 21:47
Mutambu

Mbe ko mwahereye kera musaragurika ngo muzomesa Abanyarwanda,ni mwubahuke iyo delegation,RDF ibavugute dans quelques secondes, ujinga ni mzigo kweli

25.10.2016 à 21:58
Musaga

NIMUGERAGEZE MURABE ICO IYONAMAYOTANGA ,IMANA IMUKOREREMWO NKUMUKOZI WAYO, HAHIRWA UWUMVIRA KUKONAWE AZ’UMVIRWA MWIJURU,

25.10.2016 à 19:30
ARAKAZA

amada rakoranye y africa adashobora gutabar abany africa mu maruswa barimwo kuber amada maremare yabo ahubwo baje kwirir amakokosha ntanama bajemwo

25.10.2016 à 16:33
vip

Ntabantu Nkacu Bazo2ronsa Amahoro N,umutekano.Imana Yonyene Yomwijuru Niyibituronsa.Muze Dusab,lmana Mukuri,vyose Bizogendaneza.Muhezagirwe.

25.10.2016 à 09:26
Mehead

28 gitugutu 2016 hazo hariki

25.10.2016 à 00:43
sanim

INAMA YAMAHORO NTAWUTOYIRHIGIKIRA

24.10.2016 à 21:57
AHIMBONEYE EGIDE

iyonama nikomere ariko abe atariyo kugora uburundi kuko kumutekano turashoboye

24.10.2016 à 20:57
japhet

MWIDAGADURE UMUTEKANO NIWOSE BAZABABABE NGO NTAHORO AHARI NIMWIRABIKO HADATENBA AMATA NUBUKI

24.10.2016 à 20:54
KIRIJANA

Abanyarwanda nta tiku tugira murabona ko tuba twitabiriye inama zibera i bujumbura mugihe abarundi bo baba bazanye amatiku ngo i kgli nta mutekano bizeye

24.10.2016 à 19:18
Proud to be rwandan

Ntimuyivemwo mutemeje kurungika ingabo ziza gutabara abarundi bariko barahirwa buhongo na petero nkurunziza na karwi kiwe kuko nakamaramaza kandi vyarenze ihaniro kubona abarundi bamaze umwaka urenga atamusi wijana atajoro ryijana abarundi batishwe canke Ngo banyuruzwe ikitibagiwe co nukubapfungirubusa ukubasahura ukubaboreza igufa tutibagiye kubangaza nukubatera ubwoba ugufata abigeme abakenyezi na bana vyo bisigaye Ari akumiro nukuri turatakamvye dushimitse duti iyo nama ifatirwe ingingo ruhasha zo gutabara abarundi kuko bararushe izo ntagondwa za nkuru nakarwi kiwe atakindi zirota Atari ugusesa amaraso

24.10.2016 à 17:13
tari

Vraiment nivyiza,nibavyige,kimwe badasiga inyuma yumutekano muke wa somalie kuko nico gihugu kitagira umutekano !

24.10.2016 à 17:03
master felix

muce mushengeza urwanda ruguma ruteza umutekano muke murakakarere mugushigikira abagumutsi

24.10.2016 à 15:09
nkdn

muce mushengeza urwanda ruguma ruteza umutekano muke murakakarere mugushigikira abagumutsi

24.10.2016 à 15:08
nkdn

Uwo womurimwebwe akomeza kwinjira guteza akaduruvayi ntacomumuvuzeko(Rwanda) mutagize icomumuvuzeko muriko murahendana kukontakuntu umwewomurimwebwe yoteza akaduruvayi acacayongerango hariyaharakeneye gutabarwa !

24.10.2016 à 14:39
.

nibaze bakoranirahobashaka hose muburundi namahoro.bashaka bakoranire kumusaga kwijabe nyakabiga mutakura Ngagara nomumugamba.mugirinamanziza benewacu mutabare hose kwisi. intumwa zurwanda zigendagende hose bashike nokwitanganyika.

24.10.2016 à 14:03
jonas

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.