IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwahojeje imiryango y’abanyeshure baguye mw’isanganya

Uburundi bwahojeje imiryango y’abanyeshure baguye mw’isanganya

mardi 9 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko biri muri ubwo butumwa (Message) bwarungikiwe Tanzaniya, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, Reveriyano NDIKURIYO avuga ko Uburundi bwakiranye umubabaro iyo nkuru y’urupfu rw’abo banyeshure hamwe n’abarezi bari kumwe.

Abaguye muri iryo sanganya basabiwe kuruhuka mu mahoro, nayo abakomeretse basabirwa ko bokira mu kiringo ca vuba.

Imodoka yo mu bwoko bwa "Bus" yarimwo abo banyeshure bo kw’ishure Lucky Vincent hamwe n’abigisha babo babiri yagize isanganya igeze i Arusha. Abo banyeshure bariko baja gukora ikibazo, n’uwariko arabunguruza akaba nawe yitavye Imana. Iyo modoka yatembagariye mu mwonga hafi y’igisagara ca Karatu.

Abaguye muri iryo sanganya ni abanyeshure 32, abigisha babiri, hamwe n’uwariko arabunguruza muri iyo modoka.

JPEG - 365.4 ko
Reveriyano NDIKURIYO, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi

NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.