Abakenguzamateka bemeje integuro y’ukwubaka ibarabara RN16

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 24 Myandagaro 2017 saa 02:04
Yasomwe : 10368
0 0

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje kuri uwo wa kane integuro y’itegeko ritunganya ibikorwa vy’ukwubaka n’ugusanura ibarabara "RN16" rihuza intara ya Bururi n’ntara ya Gitega.

Igice ca mbere c’iryo barabara rikazokorwa kuva i Bururi gushika i Gakuba. Uburyo buzokwubaka igice ca mbere c’iryo barabara bukaba bwatanzwe n’ibanki BADEA (Banque Arabe pour le Developement Economique en Afrique), igisata ca Arabiya Saoudite kijejwe iterambere, igisata ca OPEP kijejwe iterambere kw’isi hamwe n’uburyo bwavuye muri Reta y’Uburundi.

Iyo nteguro ikaba yemejwe ijana kw’ijana.


Kumenyekanisha

1
john 25-08-2017 à 10:10

ivyo niviza bakoze kuryemeza ariko bokwihweza n’barabara rya makamba bururi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha