Abakenguzamateka bemeje ishirwaho rw’umurwi w’ukurwanya ihonyabwoko

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 29 Myandagaro 2017 saa 06:11
Yasomwe : 9639
0 0

Inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje ijana kw’ijana kuri uwu wa kabiri integuro y’itegeko rivuga ishirwaho, hamwe n’ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe kurwanya ihonyabwoko hamwe n’ibindi vyaha vyo mu ntambara (Observatoire National pour la Prévention et l’Eradication du Génocide, des Crimes de Guerre et des Crimes contre l’Humanité)

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE yari yagiye gusigura mu nama nkenguzamateka yamenyesheje ko iyo nteguro y’itegeko ije mu ntumbero ya Reta y’uburundi yo gukinga burundu ivyaha vy’ihonyabwoko hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara. Umushikiranganji BARANDAGIYE avuga vyibonekeje ko mu bihe Uburundi buhitiyemwo, hari abantu bagumye bavuga ivy’ihonyabwoko, akamenyesha ko bikenewe ko mwene izo mvugo zokurikiranirwa hafi.

Pascal BARANDAGIYE amenyesha kandi ko uwo murwi uzotanga umuco kuvyo Abarundi benshi badahurizako kuri kahise k’Uburundi. Uwo mushikiranganji asigura ati : "Bamwe bavuga ko habaye ihonyabwoko mu 1972, abandi bati habayeho ubwicanyi bw’ikivunga, abandi bati icenda na gatatu habaye ihonyabwoko, abandi bati ihibambewe sivyo. Bivanye n’uko akahise k’igihugu cacu c’Uburundi katagiye kandikwa neza."

Umushikiranganji BARANDAGIYE avuga ko mu bikorwa vy’uwo murwi, harimwo ukwerekana ivyokorwa kugira ihonyabwoko ntirizobe mu Burundi, akavuga ko mu gihe vyokwemezwa ko iryo honyabwoko ryakozwe muri kahise, hazoshirweho ingingo z’ugukugarukira ku bakozweko n’ako kabi.

Uwo murwi rero uzoterera ivyiyumviro kuri ivyo vyose, abawugize baheze berekane poritike irashe yerekana ingene ihonyabwoko hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara vyotuzwa.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha