Accueil > Inkino > Abakina "Jeux d’Echec" bavuga ko batitaweho ku rugero rukwiye
Abakina "Jeux d’Echec" bavuga ko batitaweho ku rugero rukwiye
mercredi 8 Munyonyo 2017, par
Wilfried NTAMATUNGIRO avuga ati : «Abakina urukino rwa "Jeux d’echec" ntibafashwa kugira batere imbere»
Arongera agasigura ko bigoye n’uko baronka udushimwe iyo habaye amahiganwa hagati mu gihugu, no kuronka amahiganwa bakinamwo biragoye.
«Harabura n’udushimwe dufadika two guha abakinyi iyo habaye amahiganwa. Hari n’ikibazo co kuronka amahiganwa.»
- Wilfried NTAMATUNGIRO, mu rukino rwa "Jeux d’Echec"
Kubwa Wilfried NTAMATUNGIRO, ikibabaje cane ni ukubura ababashigikira iyo baronse akaryo ko guhiganwa mu makungu.
« Birashika tukaronka ubutumire bwo kwitaba amahiganwa mpuzamakungu, bakatwemerera kutwitaho igihe cose twoba turiko turakina. Mugabo ikibazo duca tugira, ni ukuronka abadufata mu mugongo bakaturihira uburyo bwo gushika aho tuja gukinira. Uwusanzwe yifitiye uburyo arashobora kujayo.»
Wilfried NTAMATUNGIRO akaba agiye kwitaba ihiganwa rigiye kubera mu gihugu c’Ubuganda mw’ihiganwa ryatunganijwe n’ishirahamwe rya "Jeux d’Echec" ryo muri ico gihugu, aho azohurira n’abakinyi benshi bava mu mihingo itandukanye.
Mu bushikiranganji bw’inkino, urwaruka n’imico basaba uwuba ashaka gushigikirwa ko yokwitura ubwo bushikiranganji, bakamubwira ibisabwa hamwe n’amategeko abanza kwubahiriza.
Pacifique BUKURU