Accueil > Inkino > ’’Gukorera mu muco biri mu migambi yacu mw’ishirahamwe AJSB’’-Liliane (...)
’’Gukorera mu muco biri mu migambi yacu mw’ishirahamwe AJSB’’-Liliane NSHIMIRIMANA
mardi 26 Nyakanga 2017
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 26 Nyakanga 2017, Liliane NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe AJSB amenyesha ko yakiriye neza itorwa ryiwe rivuye ku migambi yashikirije yanyuze abanywanyi.
Kubwa Liliane NSHIMIRIMANA arongoye AJSB, mw’ishirahamwe arongoye bagiye gukorera mu muco mu bijanye n’itunganywa ry’ishirahamwe bongere batunganye ibikorwa vyo gukarihiriza ubwenge abamenyeshamakuru b’inkino.
Mu gisata co kumenyesha amakuru, umukuru w’ishirahamwe Liliane NSHIMIRIMANA amenyesha ko bategekanye kunagura ico gisata, biciye mu gutanguza umurongo ngurukanabumenyi w’ishirahamwe (siteweb) hamwe no gushiraho ikinyamakuru gitanga amakuru (Magazine).
- Liliane NSHIMIRIMANA,umukuru w’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi
Kubera ishirwa mu ngiro ry’iyo migambi risaba uburyo, Liliane NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB avuga ko uburyo buzova mu ntererano z’abanywanyi b’ishirahamwe, bongere bategure imigambi izofatwa mu mugongo n’abashigikira ishirahamwe baba abo mu gihugu canke abo hanze y’igihugu.
Uwo arongoye ishirahamwe yizeye ko imigenderanire hagati y’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB n’abafasha izobandanya kuba myiza.
Mwomenya ko Liliane NSHIMIRIMANA agiye kurongora ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino mu Burundi AJSB mu myaka ine iri imbere, akaba yatowe kuri uno w’Imana igenekerezo rya 24 Nyakanga 2017.

Abandi batowe ngo bafashanye kurongora ishirahamwe ni Evariste NZIKOBANYANKA yatowe kuba icegera c’umuyobozi w’ishirahamwe akaba kandi umumenyeshamakuru kuri Radiyo Isanganiro n’Iradiyo Ijwi rya Amerika, umubitsi ni Elvis IRADUKUNDA, umumenyeshamakuru w’inkino kuri Radiyo Buja FM, Thierry Niyungeko yatowe kuba umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe hamwe na Emery Nkunzimana batazira "Bizos", yatowe nk’icegera c’umubitsi.
MUGISHA Van Naris