Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi 17 b’ubushikiranganji bw’imigenderanire bagiye kunonosora (...)
Abakozi 17 b’ubushikiranganji bw’imigenderanire bagiye kunonosora igifaransa
vendredi 16 février 2018
Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Aimé NYAMITWE , avuga ko mu gihe isi yamaze kuba nk’ikirwati, uguhanahana amakuru bifise uruhara ntangere ku bihugu, kumenya indimi zitandukanye kikaba akarusho mu kwiyugurura ku makungu.
Uwo mushikiranganji avuga ko ururimi rw’igifaransa, kimwe mu ndimi zivugwa cane kwi’isi kikanakoreshwa mu migenderanire n’ibindi bihugu, ni nkenerwa ku bakozi b’ubushikiranganji kunonosora urwo rurimi kugirango bashobore kurangura amabanga yabo.

Yongeye aramenyesha ko Uburundi bugiye kwibutsa ko ururimi rw’igifaransa rwoshirwa mu ndimi zikoreshwa mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko.
Uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi Laurent DELAHOUSSE avuga ko igikorwa co kunonosora ururimi rw’igifaransa ku bakozi b’Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, biza mu ntumbero y’imigenderanire myiza igihugu c’Ubufaransa gifitaniye n’Uburundi.

Laurent DELAHOUSSE avuga ko ari nkenerwa ko abakozi b’ubwo bushikiranganji barunonosora mu ntumbero yo kworoherwa mu kazi, narirya igifaransa ari ururimi rugira 5 ruvugwa na benshi kw’isi.
BUKURU Pacifique