IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakozi batarungitswe kwiga na Reta ntibazosubira kuronka uturusho

Abakozi batarungitswe kwiga na Reta ntibazosubira kuronka uturusho

mercredi 7 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi biheruka gusaba ubushikiranganji bw’indero hamwe n’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, ko bwotegura icegeranyo kivuga ingaruka zibonekeza ku kibazo c’inyigisho zitangwa ku mugoroba mu makaminuza mu Burundi. Isidore NTIRAMPEBA, ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko ico cegeranyo kitazoba gifise intumbero y’uguhagarika inyigisho zo ku mugoroba muma kaminuza :

"Ntihagire abokwibaza ko Reta igiye guhagarika inyigisho zo ku mugoroba canke ko igiye kutemera impapuro z’umutsindo abakurikiye izo nyigisho bahabwa. Intumbero Reta ifise n’ukwegeranya amakuru ajanye n’ikibazo c’inyigisho zo ku mugoroba, kugira imaze kuyegeranya yose ice iyakoresha mu gutunganya neza izo nyigisho kurusha uko vyahora."

JPEG - 42.3 ko
Isidore NTIRAMPEBA, ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Isidore NTIRAMPEBA avuga ko kuba abakozi ba Reta borondera izindi mpamyabushobozi kitari ikibazo, ariko ko Reta itokwihanganira abata akazi, akemeza ko uko izo nyigisho zahora zitunganijwe bitisunga amategeko. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa gatatu, yamenyesheje ko amategeko Reta izoshiraho azotuma uwushaka kwiga atabikora mu mwanya w’akazi.

"Amakenga aza kugaragara iyo bibonetse ko bamwe mu bakozi ba Reta bikika mu masaha y’akazi bagaca basimba gukurikirana izo nyigisho botegerejwe gukurikirana ku mugoroba. Muca mwumva ko hari ico baba batariko barakora ku ruhande rwa Reta. Bamwe mu bazikurikirana babanza guhagarika ibikorwa biri mu mabanga ya munsi yose muri Reta. Hari n’abavuga ko biga kandi batariko bariga."

Mu gihe umukozi wa Reta yakurikiranye izo nyigisho zo ku mugoroba, akaronka urupapuro rw’umutsindo, mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bavuga ko urwo rupapuro ruba ngirakamaro ku warurondeye, ariko ko atohindukira ngo arusabishe uturusho mu kazi ka Reta ajejwe.

"Umukozi wa Reta azi ko yagiye gukurikirana izo nyigisho atarungitswe n’umukoresha, atarungitswe n’abarongozi b’igisata arimwo ca Reta, aronse urwo rupapuro rw’umutsindo bisabwa ko adaca aruzana kurusabisha uturusho, ngo murabona nahora ndi ku rugero uru ubu naduze nimumpe uturusho. Kuko hari n’aho usanga izo nyigisho yakurikiranye ataho zisa zisaniye n’akazi asanzwe ariko arakora muri Reta. Muri Reta tuvuga duti ko yaronse uwundi mutsindo wisununuye, arashobora kuwukoresha mu guhiganirwa akazi ahandi kabonetse."

Mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bavuga ko abakozi ba Reta bamaze gukurikirana izo nyigisho n’ukuronka utwo turusho, ikibazo cabo kizomenyekana inyuma y’icegeranyo kizotangwa n’ubushikiranganji bw’inyigisho hamwe n’ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta. Ingingo ikazofatwa n’inama nshikiranganji. y’Uburundi.

Icegeranyo kivuga utunenge turi mu nyigisho zo ku mugoroba muma Kaminuza gitegerezwa gushikirizwa ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bitarenze kw’igenekerezo rya 15 Ntwarante 2018, ubwo bushikiranganji bubiri buzogikora busabwa kandi gushikiriza intererano z’ingingo zofatwa na Reta y’Uburundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.