IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abayobozi b’amabanki makuru yo muri COMESA bitezwe mu nama i (...)

Abayobozi b’amabanki makuru yo muri COMESA bitezwe mu nama i Bujumbura

mercredi 22 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iyo nama, abo bayobozi bakuru bazorabira aho bagejeje gushira mu ngiro ingingo zari zafashwe mu nama nk’iyo yaheruka kubera i Bujumbura nyene kw’igenekerezo 29 gushika kurya 30 Ntwarante 2017.

Iyo nama izobera mu gisagara ca Bujumbura, ikaba izotangurirwa kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017 n’iy’abahinga bo mu mabanki makuru yo mu bihugu bitanu bizoserukirwa mu Burundi, akaba aribo bazotegura ingingo zizokwemezwa n’abarongoye ayo mabanki makuru yo muri COMESA (Gouverneurs des Banques Centrales du COMESA) bazokoranira i Bujumbura kw’igenekerezo rya 29 Munyonyo 2017.

Abazokwitaba iyo nama bazoba bavuye mu bihugu bitanu arivyo Uburundi, Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Egypte, Sudani hamwe na Djibouti.

Tubamenyeshe ko inama y’abayobozi bakuru b’amabanki yo muri COMESA muri uwu mwaka w’2017 irongowe n’umuyobozi mukuru wa Banki nkuru y’Uburundi (BRB). Mu mwaka uza w’2018, iyo nama izorongorwa n’uwutwara Banki nkuru y’igihugu ca Djibouti.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.