IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakuru b’ibihugu babiri ba EAC nibo bitavye inama igira iya 18 (...)

Abakuru b’ibihugu babiri ba EAC nibo bitavye inama igira iya 18 ibahuza

dimanche 21 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri iyo nama, umufasha w’umuhuza mu matati y’abarundi yashikirije icegeranyo c’ivyo amaze gushikako, yongera atanga ivyiyumviro ku vyokorwa.

Muri iyo nama, bigiye hamwe kandi ibijanye n’imigenderanire mu vy’ubutunzi hagati y’ivyo bihugu, n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

Ivyavuye muri iyo nama turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

Tubamenyeshe ariko ibihugu vy’Uburundi n’Urwanda vyiyamirije icipfuzo c’uko ibihugu vyose bihurikiye muri uwo muryango vyoza biratanga intererano zingana mu gushigikira ibikorwa vy’uwo muryango.

Ivyo bihugu vyasiguye ko bifise ubutunzi bwavyo buciriritse bigereranije na Tanzania, Kenya hamwe na Uganda.

Iyo nama y’abakuru b’ibihugu yitabiriwe n’umukuru w’igihugu wa Uganda Kaguta Yoweri Museveni, uwa Tanzania John Pombe Magufuli, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi Gaston SINDIMWO hamwe n’icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya William Ruto.

Messages

  • komera eac komera uganda ni ndongozi yawe museveni ramba tanzanie .Mbega wakera ko utacandika uracahembesha bamwe mwica kumusaga .Yewe twaraguhinye turamenya nabagutuma!Woshaka wokizwa

  • BAVUGA NGOBAGIY GUKUVUGANA IVYUBURUNDI NONE KOMBONA ATAVYISHI BABUVUZEKO ABAHUKUZA NIBAHUKUZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.