IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Abamenyeshamakuru ba BBC n’Ijwi rya Amerika barafise uburenganzira bwo (...)

’’Abamenyeshamakuru ba BBC n’Ijwi rya Amerika barafise uburenganzira bwo gukora umwuga wabo’’-CNC

mardi 8 mai 2018

Mw’itangazo ry’urwego CNC ryo kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 8 Rusama 2018, rumenyesha ko rwakiranye umubabaro ivyashikiye umumenyeshamakuru w’iradiyo Ijwi rya Amerika, mu ntara ya Kirundo, Jean Bosco NDARURINZE.

Muri iryo tangazo, urwego CNC mu ngingo zo kw’igenekerezo rya 4 Rusama rwahagaritse ibiganiro vy’amaradiyo BBC n’Ijwi rya Amerika, ariko abamenyeshamakuru bayo babandanya gukora umwuga wabo, mbere bakamenyesha CNC mu gihe habaye ingorane.

Urwego CNC, rutera akamo abajejwe intwaro ku nzego zose, gukomeza ugukorana hamwe no kwumvikana hagati yabo n’ibinyamakuru.

Urwego CNC, rurangiza iryo tangazo rumenyesha ko rwiyemeje kubandanya gukorana n’ibinyamakuru, no kugenzura ko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ari ukuri mu Burundi.

JPEG - 28.6 ko
KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC

Umumenyeshamakuru w’Iradiyo Ijwi rya Amerika, yatswe ibikoresho n’uwutwara igendereza mu ntara ya Kirundo, kur’uno wa mbere igenekerezo rya 7 Rusama 2018, mu gihe yari agiye gukurikirana amakuru y’imyiyamamazo y’umugambwe CNDD-FDD.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • JENDABAFANA NIVYIZA CANE ABANTU BAGIFSUMUTMA WOGUFASHA MUGIHUGU CABO REKA DUTERRE AMATORAGENDE NEZA NIBAKOMER KWIBANGA

  • Akarengane umutima mubi urwango gutoteza wandyawangura ntibizashira iburundi kiretse habayeho Nyagasani akarimbura abarundi bose akarema abandi bashasha.nahubundi dufite umutima wuzuyemo imigese yurwanko turankana cane burimurundi akwega yikwegerako

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.