IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana 30 mu bakuwe mw’ibarabara bakozweko icigwa c’akarorero

Abana 30 mu bakuwe mw’ibarabara bakozweko icigwa c’akarorero

mercredi 11 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’inama yahuje kuri uwu wa kabiri ubushikiranganji bwose bwegwa n’ikibazo c’abana bo mw’ibarabara, inama y’ukugira bigire hamwe urupapuro rw’inzira rw’ivyokorwa, umushikiranganji Martin NIVYABANDI ajejwe agateka ka zina muntu yamenyesheje ko ibikenewe biriko birakorwa.

"Twaragize ico twise igikorwa c’akarorero. Ico gikorwa cari ikijanye n’uko hariho abana bashika kuri 30 twakuye mw’ibarabara kugira turonkemwo icigwa. Ubu rero twakoranye n’ubushikiranji busanzwe bwegwa n’ico kibazo, nk’ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, n’ubushikiranganji bw’umutekano kugira twigire hamwe ibimaze kuranguka. Tugiye kwiha ihangiro rya nyuma kugira ico gikorwa gishobore kuranguka"

PNG - 333 ko
Martin NIVYABANDI, umushikiranganji ajejwe agateka ka zina muntu

Umushikiranganji Martin NIVYABANDI avuga ko bamaze gutegura aho abana bazokurwa mw’ibarabara bazoshikira, aho bazobanza guca kugira bandikwe, imbere y’uko batwarwa mu miryango yabo. Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko ico gikorwa c’ugukura abana mw’ibarabara ari igikorwa gikenewe kugira abo bana baronke agateka kabo.

Abana bagera ku 605 nibo bamaze gukurwa mw’ibarabara basubizwa mu mihana yabo, kuva Reta y’Uburundi itanguje isekeza ry’ugukura abana bose mw’ibarabara, igikorwa categerezwa guherana n’igenekerezo rya 31 Kigarama 2018.

Mu cigwa cakozwe na FENADEB, bavuga ko muri abo bakuwe mw’ibarabara hari abamaze gusubirayo, naho muri iryo shirahamwe ata biharuro batanga vyabo.

Inyuma y’ugusubizwa mu mihana yabo, muri FENADEB bavuga ko abo bana bitaborohera gusubira mu buzima busanzwe, Reta igasabwa kubitaho, abo bana bagategurwa neza, agateka kabo kagashirwa imbere, imbere y’uko babasubiza mu miryango yabo. Bagategurirwa ingene bazosubira mw’ishure.

Muri FENADEB bavuga ko icihutigwa kitoba kubakura mw’ibarabara igihutihuti, ariko hobanza hakigwa igituma baja mw’ibarabara, n’ingene ubuzima bw’abo bwomera neza inyuma yo gukurwa mw’ibarabara.

Ivyigwa vyakozwe vyerekana ko ibice 20% vy’abana bo mw’ibarabara batahukanwa mu miryango aribo bashobora kugumayo, nayo abarenga 60% baca basubirayo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.