IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abana n’abakuze basega mu mabarabara bahawe ikiringo ntarengwa

Abana n’abakuze basega mu mabarabara bahawe ikiringo ntarengwa

mercredi 18 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu busaba abavyeyi bafise abana birirwa bariyerereza mu mabarabara, abakuze birirwa barasegerereza, hamwe n’abasegesha abagendana ubumuga mu gisagara ca Bujumbura canke ku yindi mirwa mikuru y’intara ko boheba iyo ngeso, bijukire gukora iyindi mirimo yobateza imbere.

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye kuri uwu wa kabiri, ryateweko umukono na Pascal BARANDAGIYE, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, batanze ikiringo ntarengwa co gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 19 Ndamukiza. Inyuma y’iryo genekerezo, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko ingingo zikomeye zizofatwa.

Abarongoye intara, igisagara ca Bujumbura, amakomine, imitumba ya rusansumahamwe n’amakaritiye basabwe kwitegura bihagije kugira bazokwakire abana hamwe n’abakuze basubijwe mu mihingo itandukanye baje bavamwo.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.