IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abandi banyeporitike batatu bagarutse mu Burundi

Abandi banyeporitike batatu bagarutse mu Burundi

lundi 20 Ruhuhuma 2017

Abanyepolitike batatu bari bavuye mu gihugu, batahutse ku mugoroba wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 20 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Abo banyepolitike ni Alice Nzomukunda, Mathias Basabose hamwe na Joseph Ntidendereza. Bose bakaba batahutse inyuma y’ibiganiro vyabereye i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 18 Ruhuhuma,umwaka wa 2017.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yavuze ko kuba abo banyapolitike batatu batashe mu gihugu vyavuye mu gikorwa ciwe co kubahimiriza.

Alice NZOMUKUNDA umwe muri abo banyeporitike, ari ku kibuga c’indege ca Bujumbura, yabwiye abamenyeshamakuru ko anezerejwe no kuba agarutse mu gihugu ciwe, ariko ko atari yahunze nk’uko abandi bavyibaza.

Mwomenya ko abo banyeporitike baje mu gihugu, inyuma y’iminsi mike uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Sylvestre NTIBANTUNGANYA, nawe atahutse ava mu gihugu c’Ububirigi.

Photos: Iwacu


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.